Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abanyeshure bo muri kaminuza nderabigisha ENS bahagaritse ivyigwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure bo muri kaminuza nderabigisha ENS bahagaritse ivyigwa

Abanyeshure bo muri kaminuza nderabigisha ENS bahagaritse ivyigwa

mardi 17 Ruheshi 2014

Abanyeshure bo kuri kaminuza nderabigisha ENS bahagaritse ivyigwa mu ntumbero yo kwishuza agafashanyo kabo k’ukwezi kwa Ndamukiza na Rusama katatanzwe ku basubiyemwo umwaka, hamwe n’agafashanyo k’ukwezi kwa Ruheshi ku bandi bose babifitiye uburenganzira.

Guhera kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 16 Ruheshi 2014, abanyeshure bo kuri kaminuza nderabigisha ENS barahagaritse ivyigwa, bavuga ko icatumye bahagarika ari ukugira berekane akababaro bafise kubera agafashanyo batararonswa. Umwe mu baserukira abandi banyeshure avuga ko bigoye kuja mu mashure mu gihe baba bariko birukanwa mu mazu bapanze.

Ku cerekeye agafashanyo basaba k’ukwezi kwa Ndamukiza kandi ubushikiranganji bw’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi bwararahiye ko batazokaronswa kuko ukwo kwezi batari mw’ishure, abo banyeshure bavuga ko ari uburenganzira bwabo, ari nayo mpamvu boronswa ako gafashanyo.

Abo banyeshure bo muri kaminuza nderabigisha ENS basaba ko agafashanyo kabo k’ukwezi kwa Ruheshi bokaronswa, n’abasubiyemwo umwaka batahawe agafashanyo kabo basaba ko bokaronswa k’ukwezi kwa Ndamukiza hamwe n’ukwezi kwa Rusama.

Mu buyobozi bujejwe agafashanyo n’ imyimenyerezo barizeza abo banyeshure ko agafashanyo bishuza gashobora kuboneka kuri uno wa kabiri canke kuwa gatatu.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.