Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abanyeshure boba barankiwe gukora ikibazo babifitiye uburenganzira ikibazo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure boba barankiwe gukora ikibazo babifitiye uburenganzira ikibazo (...)

Abanyeshure boba barankiwe gukora ikibazo babifitiye uburenganzira ikibazo cabo kizigwa

mercredi 28 Rusama 2014

Ikibazo ca Reta giha uburenganzira abanyeshure bo mu mashure mato mato kuja mu mashure yisumbuye cagenze neza mu gihugu cose, kiretse utugorane duto duto twagiye twibonekeza mu bibanza vyakorewemwo ico kibazo nk’uko bishikirizwa na Mbonerane Abraham arongoye umugwi ujejwe gutegura ico kibazo muri uno mwaka.

Kuri uno wa kabiri, igenekerezo rya 27 Rusama niho hakorwa mu gihugu cose ico kibazo giha uburenganzira abanyeshure bo mu mashure mato mato kuja mu mashure yisumbuye. Mu ngorane zagiye zibonekeza ahanini, n’amasaha yo gutangura yagiye ararengwako, hamwe n’abanyeshure bankiwe gukora ikibazo kubera ko batabonetse ku ntonde, abasivye, abarwaye, hamwe na bamwe bo mu mashure y’abigenga bankiwe gukora, kuko batarishe amafranga y’ishure, bivugwa na Abraham Mbonerane,
arongoye umurwi ujejwe gutegura ikibazo ca Concours national co muri uno mwaka w’ 2014.

Abraham Mbonerane amenyesha ko nimba hari umwana yoba yarankiwe gukora ikibazo kandi abifitiye uburenganzira, ikibazo ciwe kizokwigwa bisunze amategeko. Tubibutse ko abanyeshure bakoze ico kibazo ca Reta bose hamwe mu gihugu cose barenga ibihumbi amajana abiri. Ibice 70 kw’ijana akaba ari vyo bitigiri bikenewe gusa, mu mwaka w’indwi w’ishure nshingiro.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.