Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abanyeshure indwi bo mu Rumonge baciriwe umunyororo w’umwaka
Abanyeshure indwi bo mu Rumonge baciriwe umunyororo w’umwaka
mardi 19 Mukakaro 2016, par
Abanyeshure indwi bo mu Rumonge bagirizwa ugusibanganya isanamu y’umukuru w’igihugu bahanishijwe umunyororo w’umwaka wose hamwe n’amande y’ibihumbi mirongo itanu. Bose bagirizwa icaha c’ugutuka umukuru w’igihugu.
Abo banyeshure uko ari indwi ni abo kw’ishure ryisumbuye rya Rumonge, hamwe n’ishure ryisumbuye rya komine Bugarama. Barahakana ico caha bagirizwa, bakavuga ko basanze iyo sanamu y’umukuru w’igihugu isibanganijwe, ariko sentare ikaba yababwiye ko bari kuba babimenyesheje ubuyobozi bw’ishure bakibibona.
Ababuranira abo banyeshure basavye ko ubutungane bwokwerekana uruhara rw’umwe wese muri ico caha bagirijwe c’ugusibanganya isanamu y’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.
Mu gihe abashingwamanza babafasha kuburana bamenyesha ko icaha c’ukwonona igitabu c’ishure cohanwa hisunzwe amategeko y’ishure, sentare yamenyesheje ko hisungwa igitabu mpanavyaha, kandi ko abo banyeshure bagirizwa gutuka umukuru w’igihugu, ico caha naco kikaba gihanwa n’ingingo y’379 yo mu gitabu mpanavyaha.
Mu runani rw’amashirahamwe aharanira agateka k’abana (FENADEB : Fédération Nationale des Associations Engagées dans le Domaine de l’Enfance ) basaba ko ibihano bihabwa abana b’abanyeshure vyoza birisunga ineza yabo, hamwe na kazoza kabo.
IGIHE
Messages
19 Mukakaro 2016, 12:25, par MUYAHUDI
NTAKUNDI NIBIHANGANE HARAHUSANGA HARABAZIZ UBUSA NABAZIZUKURI MBONIVYUBU ARIVYUKWITONDERA
19 Mukakaro 2016, 13:09, par Kuri
KIMWE NUKO ATAMUKRISTO WIMBEBA ZIBA ZOSE! !!!!JEWE NDAZI KO KUVA MUMYAKA TWIGANA NABO NTAVUZE NGAHO MUBACAMANZA BUBURUNDI NZI BENSHI MBERE MUBUTEGETSI TWIGANYE BONONA IBITABO ARIKO URUBANZA NTAHO GWIGERA RUSHIKA NO KWA DIRECTEUR MWARIMU NAWE NYENE NTAHO YARENZA INKONI ZIBIRI CANKE ZITANU
ARIKO IMANA IRAHORA IHOZE NGO IMPONGO IHOTOTORA IHIGWA
19 Mukakaro 2016, 17:00, par NYAMITWE
Icogihugu kirongowe nimbwansa!
19 Mukakaro 2016, 20:25, par gigi
sentar irakwiy kwerkana ivyimeza ko abo banyeshur arib basibanganij iyo foto. nahandiho abo banyeshur uzosanga barnganijw.
19 Mukakaro 2016, 22:50, par Mututsiwamenyo
@gigi. Niba ubihakana ishikane uvuge ko ariwe wabikoze babarekure
20 Mukakaro 2016, 10:18, par Peace
Ninde yize akamara amashure atanditse mugitabo?Nikuki bashingiye kwifoto imwe gusa?Nibahariho ahadi igitabo casibanganijwe Navyonyene nibabikurikirane.Nubwambere umwana yanditse mugitabo akwirikiranwa nubutungane nkukwo.Bagenzi nukwitonda!!!
25 Mukakaro 2016, 21:49, par Aimeusez
nibabarekure bazira ubusa. com