Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abanyeshuri basaba ko bosanga agafashanyo k’amezi abiri kuri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshuri basaba ko bosanga agafashanyo k’amezi abiri kuri (...)

Abanyeshuri basaba ko bosanga agafashanyo k’amezi abiri kuri "Compte"

mercredi 7 Rusama 2014

Abanyeshure biga muri kaminuza y’Uburundi ikigo co ku Mutanga muri rusangi ntibaratangura ivyigwa, icibonekeza n’uko benshi batarava mu ntara nk’uko bivugwa na bamwe muri bo, abandi nabo boba bari bahejeje umwaka. Bemeza ko akamo bakumvise.

Inyuma y’akamo katewe n’abaserukira abandi, abanyeshuri bo mu kigo co ku Mutanga ntibaratangura ivyigwa. Igihe twaca muri ico kigo, haboneka uruja n’uruza rw’abanyeshure bakeyi hanze y’amasomero, abandi barunguruka mu masomero bahora bigamwo, aho naho haboneka umucafu mwinshi ku ntebe no hasi.
Akarorero, mu gisata ca kahise (Histoire), igisata c’icongereza (Langues Anglaises), no mu c’uburimyi (FACAGRO mu ncamake) nta banyeshure bahaboneka, amwe mu masomero yari yugaye. Mu gisata c’ubutunzi hatonze abanyeshure batari bake tugereranije n’ahandi, ariko nabo nyene binjiye babona nta mwigisha baca barasohoka.

Bamwe mu banyeshure twavuganye batubwira ko akamo bakumvise ejo, ariko bamwe rero bakaba bakiri mu ntara zo hagati mu gihugu. Abo bibasaba rero umwanya wo kurondera amahera y’amatike n’ibindi, abandi bavuga ko benshi bari bahejeje umwaka ko hoba hasigaye bake nabo nyene baje gukora ibibazo vya kabiri bita 2eme session.
Mu buraro bw’ikigo co ku Mutanga hariyo abanyeshure bake ariko haraboneka abinjira, bamwe bavuga ko baje gutegura ibibazo vya kabiri abandi bakavuga ko yegereyegere yasanze bahejeje amashuri ko baje gusubiza ivyumba.

Abo bose bahuriza ku kamo bamvise ko bategerezwa kukitaba hanyuma ibiganiro bikabandanya, ikindo naco, bashaka gushika bahembwa agafashanyo "Bourse" k’amezi abiri (Ndamukiza - Rusama) kugira babone kubaho nk’uko vyahora, batagasanze ko bamwe bavuga ko ari ikibazo bazoca bigira, kuko batabona uko boca babaho kubera amadeni bagiye baraka hirya no hino kugira babeho.

Mwomenya ko gushika ubu ata burongozi bw’abanyeshuri buhari bwemewe muri kaminuza y’Uburundi, abanyeshuri bavuga ko bemera gusa abaserukira abandi mu mashuri, abo bita aba "Délégués.


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.