Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abanywanyi bunguka kabiri muri "Forfait illimité" ya LUMITEL - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Lumitel > Abanywanyi bunguka kabiri muri "Forfait illimité" ya LUMITEL

Abanywanyi bunguka kabiri muri "Forfait illimité" ya LUMITEL

mercredi 8 Ruheshi 2016, par Jean De Dieu

LUMITEL yatanguje "forfaits internet illimités", ubuhinga buronswa abanywanyi bose b’iryo shirahamwe ry’ugutumatumako bakoresha umuhora wa internet, ikaba ibaye nk’inyishu ku bakenera gukoresha internet mu mihana canke ku kazi.

Ubwo buhinga bwose bwa "forfaits illimités" bumara iminsi 30, bugatandukanira ku kiguzi. GB 20 zigurwa ibihumbi mirongo icenda (90.000 FBU), GB 30 zikagurwa ibihumbi ijana na mirongo ibiri (120.000 FBU), nayo abakoresha internet idaharurirwa (volume illimité) bakariha ibihumbi amajana abiri (200.000Fbu).

Ku bakoresha GB 20 hamwe na GB 30, n’aho umunywanyi yoba yakoresheje agakemanyi kiwe kose ka internet, agumana ubushobozi bw’ukuronka internet, ariko ku muvuduko usuzumwe wa Kbps 512. Ku munywanyi w’ibihumbi amajana abiri, aronka internet y’umuvuduko wa Mbps imwe.

Kugira umunywanyi aronke ubuhinga bwa "forfaits illimités", asabwa gufyonda kuri *150# hama agahitamwo igiharuro 5.

Ishirahamwe LUMITEL riratanga kandi ku banywanyi baryo ama modems hamwe na routeurs z’ubwoko bune, muri izo hakaba mbere harimwo na Routeur 4G (LR402), ifise ubushobozi bw’ukwakira internet ya 4G. Bateri yayo igafasha umunywanyi gusangira internet na bagenzi biwe, aho ari hose, ku giciro c’ibihumbi ijana na mirongo irindwi na bitanu (175.000 Frs Bu). Umunywanyi aguze iyo routeur, aronswa akarusho ka GB 8 : Zitatu aronswa bakimwandika, hamwe n’imwe aronswa ku kwezi ku kwezi, mu kiringo c’amezi atanu.

Modem 3G (L1501) igurwa amafaranga ibihumbi mirongo itatu na kimwe n’amajana icenda (31.900 Frs Bu) igafasha umunywanyi kuronka internet 3G aho aba ari hose. Umunywanyi aguze iyo "Modem" ahabwa "Mega SIM" imufasha kuronka GB 7 za internet : 3.5 agiheza kwandikwa zikamara iminsi mirongo itatu, hamwe na GB 3.5 mu kiringo c’amezi atandatu.

Mini Wireless Adapter - TP Link igurwa ibihumbi cumi n’umunani (18.000 Frs Bu), igafasha kuronka WIFI ikoreshwa yaba mu mihana canke ku kazi.

Routeur 3G (LR302) igurwa amafaranga ibihumbi mirongo itandatu n’indwi n’amajana umunani (67.800 Fbu) igafasha kwironkera internet hamwe n’ugusangiza abandi internet 3G, aho umunywanyi aba ari hose. Umunywanyi ayiguze, aronswa Mega SIM imutuma aronka Gb 7 za internet : 3.5 agiheza kwandikwa, zikamara iminsi mirongo itatu, hamwe n’izindi 3.5 aronswa mu kiringo c’amezi atandatu.

Routeur 3G (LR301) nayo igurwa amafaranga ibihumbi ijana na mirongo ibiri n’icenda n’amajana icenda, igafasha umunywanyi kwironkera internet 3G hamwe n’ukuyisangira hamwe n’abandi, agaheza akaronka nawe Mega SIM imushikiriza GB 7 za internet : 3.5 agiheza kwiyandikisha, zikamara iminsi mirongo itanu, hamwe n’izindi 3.5 ahabwa mu kiringo c’amezi atandatu.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.