Accueil > Amakuru > Poritike > Abanywanyi ba FNL bo mu makungu bandikiye Rwasa Agathon
Abanywanyi ba FNL bo mu makungu bandikiye Rwasa Agathon
mardi 19 Munyonyo 2013
Abanywanyi b’umugambwe FNL bo mu makungu barungikiye ubutumwa Rwasa Agathon bamumenyesha ko bakimuyoboka kandi ko bacemera inzego zavuye mu koraniro kaminuza ryabaye mu kwezi kwa Munyonyo, ari naryo ryashizeho Rwasa Agathon nk’umukuru w’umugambwe FNL imbere y’uko asubirizwa na Manweri Bigirimana, hakurikira Yakobo Bigiri,ari nawe aramutswa uwo mugambwe ubu.
Abayoboka Rwasa Agathon bo mu makungu bamenyesha ko bashimye kurungikira urwo rwandiko Rwasa Agathon kugira bamwereke ko bifadikanije na bagenzi babo bo mu Burundi badahengeshanya gusaba ko umugambwe wosubizwa abitorewe n’abanarimwe. Basavye abandi banywanyi ba FNL aho bari hose ko bofatana mu nda, bihanganire aboza bashaka kubakwegera mu nyosha mbi, kandi bitegurire kwakira bagenzi babo mu gihe bokwemera kugaruka mu ruhongore. Mu ntumbero yo gushira imbere intwaro ibereye, basavye abandi banamarimwe ba FNL birinde abobasomborotsa.
Muri urwo rwandiko rwarungikiwe Rwasa Agathon, abo banywanyi ba FNL bamenyesheje ko bashigikiye ko ishirahamwe BNUB ryokwongerwa ikiringo, kuko ibikorwa vyaryo bikenewe, na cane cane muri iyi minsi igihugu kiriko citegurira amatora azoba mu mwaka w’2015. Barangiza basaba ko ubutegetsi buhari bworekura abanywanyi ba FNL bari mu minyororo bazira ko bayoboka Rwasa Agathon.
Abakuru b’umugambwe FNL mu mahanga cumi na batanu nibo bateye umukono kuri urwo rwandiko rwarungikiwe Rwasa Agathon.
1. Aimé MAGERA (Benelux)
2. Dr Mathias NTIMPIRANGEZA (Royaume Uni)
3. Louis NDARUGIRIRE (Scandinavie)
4. Dacius KAYIJUKA ( Italie)
5. Nestor NTAHINDURWA (Canada)
6. Hon. Sévérin BARUMUNUNGU (Etats-Unis d’Amérique)
7. Juvénal NDAGIJIMANA (Australie)
8. Christophe NDUWAYO (Afrique du Sud)
9. Aloys HATUNGIMANA (Mozambique)
10. Quintar MINANI (Malawi)
11. Zéphyrin NAHAYO (Kenya)
12. Vincent HABIMANA (Zambie)
13. Pascal HAKIZIMANA (Namibie)
14. Denis NIYONKURU (Sénégal)
15. Juma GIHUGU (Ouganda)
Egide Nduwimana
Messages
19 Munyonyo 2013, 13:39, par SINZOBATINYA
NATWE ABANAMARIMWE BUMUGAMBWE FNL TUKABA DUSHIGIKIYE BAGENZIBACU BABA FNL BARI MUMAKUNGU KO TWIFADIKANIJE NABO MUGUSHIGIKIRA L’HOMME DE VALEUR AGATHON RWASA UMUKURU WUMUGAMBWE WACU WA FNL KO YOSUBIZWA UBURONGOZI BWOKURONGORA UMUGAMBWE FNL ATAKIRINZWE GUSABWA KANDI BIKABA KUMUGARAGARO ABARUNDI NAMAKUNGU BARORERA
BENEWACU BARI MUMAKUNGU KAZE TUZOBAKIRANA AMAHORO N’IMIGISHA BIZOBA BIVUYE KUMANA
NKABA NDANGIJE MVUGA NTI NIDUSANGWE FNL AMIZERO YABARUNDI BOSE
19 Munyonyo 2013, 13:54, par CNDD
hahaha ahahaa...FNL ntishobor kuducamo...CNDD FDD Komera..
19 Munyonyo 2013, 17:00, par nzeyimana
Ababa. FNL.babamumakungu. nibyiza kurungika iketeyanyu. mwegere abandi barwanyi . umurwanyi wukuri ntahunga.ngogekure yumugabwe
19 Munyonyo 2013, 17:47, par nyandwi
Abanamarimwe mwese mukomere kandi dusangwe FNL yacu nakizigenza wacu Agathon Rwasa,ndabashimiye cane Abanamarimwe bari hanze y Uburundi kurwandiko rwiza nkuru,dukomeze Inkingi yUbumwe ninayizotugeza kuntsinzi,murakoze
19 Munyonyo 2013, 19:40, par Esron Nshimirimana
Icambere ntanguye gushimira abarongozi bose bari mubure duherereyemwo nabandi bari mundi bihugu tudahana imbibe kuba bandikiye kizingeza wacu obama nakomere kumuheto Imana imuhezagire natwe abanama rimwe turagushigikiye turangije tuvuga duti Dusangwe FNL umuhuza w’abarundi bose.
19 Munyonyo 2013, 19:52, par dodosi
FNL.ntabirwanisho igira mwebwe muvugako murabarwanyi, ntabikoreshomufise? cndd. fdd niyofise ibirwanisho. mwumvikane mureke intambara
20 Munyonyo 2013, 08:09, par Mpaenayo augiste
FNL OYEE.JPH NGUVU.MFPH NGUVU.SANGWA FNL IRAGI RYINCUYACU GAHUTU.NSHIGWARIMENETSE NTIMUGIRUBOBA RWASA OYEE.PACIFIC NGOBAZORIRA!
20 Munyonyo 2013, 11:11, par MUKEL
Twagomba twibutse abarundi n’amakunguko ko ubutegetsi umugambwe CNDD-FDD ufita utabwihaye ariko wabuhawe nuwo wahaye ikibanza cambere nawe si uwundi ni IMANA yaremye isi n’ijuru niyo twahaye ikibanza cambere mumugambwe wacu CNDD-FDD kandi ni isezerano ritazohinduka. Uwo kwipfuza kugwanya umugambwe canke kuwutobera mubikorwa vy’iterambere urimwo amenye ko azoba ariko agwanya canke atobera IMANA kandi izobimuhanira.
Abagumyabanga tubungabunge intsinzi twarose dushashaye, imbonerakure mubandanye gushirira, abakenyerarugamba mubungabunge intsinzi, Petero NKURUNZIZA guma kw’ivola. Tugire CNDD-FDD.
20 Munyonyo 2013, 22:14, par ndumiwe
ewe Mikel sinarinzi ko hoba hakiriho abantu nkawew bibijuju gutyo!!iyo mana uvuga ngira siyo tuzi twese usanga ari satani kuko nayo hariho abayita Imana!!bwira Imana niyo ibatuma kwica kuva ahomwiciye mukirwana mwiba mwica abazirubusa aribo banyagihugu,muturira ibintu nabantu,mumaze kuja kuntwaro amaraso mwagumye muyanywa kuko ntimwari bwayahage twararindiriye ngo turabe ko muyahag niyisaha muracica kwiba ho mwabigize umwuga umunyagihugu inzara iramwisheeeeeeeeeeeeeeeeeeeeeee!namwe abana banyu barikwiga hanze!!tuuuuuu muri ibikoko gusa cndd-fdd nako ibikoko vyubu birafise ubumuntu!
24 Munyonyo 2013, 18:00, par BIRASHOBOKA
BAKUNZI ba ADC KOMERA KANDI NTIMUTINYE TURIKUMWE IYI RETA MURABONA UKUNTU IKORA NUGUCANISHAMWO IMIGAMBWE NOGUSAHURA UBUTUNZI BWACU.MWIHANGANE EJO TUZOTURE IYINTEBA ISHUSHE.IGITANGAJE UKORA AMANYANGA WESE YITWAZA ITEGEKO ABANDI IJAMBO RY-IMANA MBE IYO MANA NIMWE TWESE DUSABA ?
3 Ruheshi 2015, 11:37, par MPAWENIMANA
Vote amizero vous êtes le nouveau président 2015
6 Mukakaro 2015, 23:16, par mbazu
rwasa numugabo kandi ndamuchigikiye cane nzoguma ndamusengera kumana mpaka ayobor uburundi ataruko abarundi turagowe kubu butegesi turimwo abarundi bechi turinyuma ya rwasa inzinzi iyarwasa