IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abapolisi babiri bafatanywe itonga

Abapolisi babiri bafatanywe itonga

lundi 10 Ruheshi 2013

Muri komine Nyabihanga mu ntara ya Mwaro, abapolisi babiri baraye bafatanywe itonga bariko barasahura abanyagihugu mw’ijoro rishira uyu wa mbere igenekerezo rya 9 Ruheshi.

Abanyagihugu bo muri iyo komine bavuga ko bumvise induru, baca baja gutabara, maze baja babona umuntu yirutse yambaye umwambaro w’impuzu z’igipolisi, baca baramufata.
Muri ako kanya nyene, bagiye bumva amasoro yasirana, abo banyagihugu bavuga ko baciye batangura kurondera uyo nawe yariko ararasa maze, haheze akanya baciye bamufata , baca basanga ni umupolisi nawe nyene.

Abo banyagihugu rero bavuga ko baciye bamwaka inkoho, baca babajana ku kirindiro basanzwe bakorako bose ukwo ari babiri. Musitanteri w’iyo komine aremeza ayo makuru, akavuga ko abo bapolisi ubu bari mu minwe y’abutungane.

Abanyagihugu bavuga ko ubu bagiye gukomeza kwirarira kugire batuze abasuma bose, ndetse n’abafise agatima ko kwiba bagahebe.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.