Accueil > Amakuru > umutekano > Abaporisi bagiye kwirukana abanyeshure bahungiye imbere y’ubuserukizi (...)
Abaporisi bagiye kwirukana abanyeshure bahungiye imbere y’ubuserukizi bw’Amerika
jeudi 25 Ruheshi 2015
Abaporisi benshi bakikuje ubuserukizi bwa Reta zunzubumwe z’Amerika, baje kwirukana ku nguvu abanyeshure bahahungiye, inyuma yaho birukanywe mu bigo vya kaminuza y’Uburundi.
Abo baporisi bafise inkoho nk’uko bagenzi bacu babitumenyesheje, bakikuje ahahora harara abo banyeshure. Abo nabo, bakaba baciye baja imbere y’umuryango w’ubwo buserukizi bw’Amerika. Haciye akanya, abo banyeshure binjijwe muri ubwo buserukizi, abaporisi nabo baguma imbere y’ubuserukizi bw’Amerika, ariko guca bapakira imizigo y’abo banyeshure nk’uko biriko biravugwa n’abari aho mu Kigobe.
Inkuru tubandanya tubakurikiranira
Alain Kubwimana
Messages
25 Ruheshi 2015, 13:57, par rutumo jean
nukubatuza canke bagume indani kuko bohava batoba amatora
25 Ruheshi 2015, 14:45, par Renovat
Ivyo Ni Ugusotorana
25 Ruheshi 2015, 14:49, par JEAN
EREGA NONEHO IVYOBIGESERA VYABAPOLICI VYASAZE EREGAHO BIBIGOMBA GUTERA AMERICA NTISONERA VYARATAYINDERO AHO BAMAZE KWINJIZWA BACA BAHAVA REKA VYIMARAMAZE IVYOBIGESERA
25 Ruheshi 2015, 15:03, par Nimbona Daniel
Emwe police yaragowe!yoyoyo!nakamahanga no k,ubuserukizi bwa America?mbega ibara!nivyo impunzi ntitahukanwa kunguvu kandi la force n,a jamais resolu les differends,abarundi bamwe bamwe womenga bameze nkumurwayi ari muri coma iyo arabutse acafata imiti yiwe akayiha uwundi ari muri coma.Imana idutabare.
25 Ruheshi 2015, 15:22, par niyonzima.
imana iturindire urwaruka. ngo botoba amatora? ngaho ivuze iki? arya ni amatora canke ni imikino?
25 Ruheshi 2015, 15:27, par eric
biratangaje abarundi nturukundo tukigira!
25 Ruheshi 2015, 15:33, par SENGA
NTAMABI TUTAZOKOREGWA ARIKO TUZOJABUTSWA MER ROUGE.
25 Ruheshi 2015, 15:39, par Iragiryagahuturemi
Turasaba abajejwe umutekano kurikanura mwikigihe camatora.
25 Ruheshi 2015, 15:43, par gihana
nn aho mwitez amatora?nyamb mwararozw!musumvy rufyikir ubudd cank ubuhutu?cank mumurusha umutw?mwabahutu butujuju mwanabatuts bakunda Inda,Imana ibahane
25 Ruheshi 2015, 15:52, par cyriaque
nzobonariba yaravuzeko obama ataz iyubundi buherereye none ngabo baramweretsek nomuburundi badakeneye nubuserukizi bwiwe. obama nafate ingingo rero adukurek abobicanyi. mana dukize farao
25 Ruheshi 2015, 17:06, par kelly
Ahubwo bari batevy kubirukana jew kondikwishur har nakimw kiraba nakar bohava batoba amatora
25 Ruheshi 2015, 17:08, par Desire
NI MUBABWIRE BATAHE
BAJE GUTERA IMPUHWE
IMUHIRA WABABAREZE
NABI UBUNDI KO BATIGA
IKIJANYE NINDERO?
ESE KO TUBONA ABABITA
NGIYE IMBERE KWIGA KO
BADAFITE ICYITWA INDER
O?NIBA TAHE IWABO,
NTABURERE BAFITE,
25 Ruheshi 2015, 17:11, par NDUWIMANA
NONE ABANTU 200 MUBIHUMBI CUMI NA BINE BAJE AHO GUKORA IKI IYO NI IMITWE.NTIBAGIRA IWABO...!BANKA BEMERA AMATORA RABA KWERI SINOJA NGAHO NGO NDABABESHE.
BARABA BABONYE KO IBIKORESHO VYAMAZE KUDUGANWA IYO BITEGEREZWA GUSHIKA.
25 Ruheshi 2015, 17:14, par Bucumi
Abo mukinagiza uko ejo nibo bazoba bafise ijambo mugihugu mushatse mureke kumvira abari kumpfiro nka peter, n’abandi
25 Ruheshi 2015, 17:24, par kazadi
kubita iyo mihimbiri idashaka kwiga naho bavuga ngo biga kaminuza nibijuju ubwo ntibokwikebuka
25 Ruheshi 2015, 18:10, par Nzorijana
Nibaza KO US yobaha ubuhungiro canke bagataha iwabo kumuhà na.
25 Ruheshi 2015, 19:29, par Elias hamasi
Tubwire ido n’ido
25 Ruheshi 2015, 19:48, par dede
Ariko aba bapolice ko bafise ubujuju bwinshi? Ngira kuja muri police nta teste bakora? Canke Pita apfa kurundumwo kugira abone abo akoresha ibiteye isoni? Nimbere yamakungu bagakoresha inguvu? nciye nibuka igihe abashikiranganji b’afrika yubuseruko baringaha ingene bitwaye!!!!!
25 Ruheshi 2015, 20:19, par MS
INDERO IRAKENEWE KAZADI KIMWE UMURIRO WAKA UZANA AHASIGAYE...,...N’UMUKUNZI RURAZANA.UHIRIW NTIBIKUNDIYE BOSE
25 Ruheshi 2015, 22:05, par ntabanganyimana
birababajee
25 Ruheshi 2015, 22:38
jw nkeneye kumenya ivyakurikiye ahasigaye ukuri kuzonesha inabi
26 Ruheshi 2015, 00:20, par mutabazi
Iyo unaniwe kwiga ujya kurima cg ukajya kunywa urwagwa (rugombo) ukaba rubebe. N’aba banyeshuri ubwo bagiye kuri ambassade bazi ko bazakingirwa na za nkozi z’ikibi zo kuri camp Musaga (bataillon) blindé. Ibintu byarahindutse urwishigishiye ararusoma
26 Ruheshi 2015, 08:11, par Iyumenya
Bucumi uri umugabo wimvuga kuri ntaco nongerako.
26 Ruheshi 2015, 15:22, par mamy
hum imana ifise inzira nyinshi icamwo kugira ikize umuntu birashoboka ko murabo hariho abahirwa noneho imana ikaba ibakinguriye akugi nibabahhe ubuhungiro ejo nibo bazoba bafise ijambo mugabo hakaba harimwo abaseshe amaraso ntaco banze kuko aho bazoja hose bazapfa
26 Ruheshi 2015, 17:01, par jean paul
komera ncuti zanje ntamvura idahita ibi bizohera imirimo twashinzwe tuzoyishikako mukomeze kwizera
27 Ruheshi 2015, 22:41, par Gabbyk Karera
birababaje.mbega urukundo rwabaporisi hamwe na reta vyuburundi bakunda aba poils!kugeza naho bagomba kubatwara kwiga kunguvu bakanabatwara nutwabakingira ingorane!Mana Twibuke Tugeze Ahatemba.
29 Ruheshi 2015, 08:12, par keza mireille
karashizingan niyotuzoj badusangeyo ewe burundi urariw nuwutokuriy