Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abaporisi bari bagavye igihe Petero Karaveri Mbonimpa yarenguka
Abaporisi bari bagavye igihe Petero Karaveri Mbonimpa yarenguka
vendredi 23 Rusama 2014
Abaje gutegera Petero Karaveri Mbonimpa igihe yarenguka muri sentare nkuru y’igisagara ca Bujumbura muri Chambre de conseil, bari bambaye impuzu z’urwatsi rutoto mu kwerekana ko bafise umwizero ko uwo arongoye APRODH buca arekurwa
Agishika igihe c’isaha zine n’igice, yakiriwe n’abantu batari bake harimwo umuryango wiwe, abari mu mashirahamwe ataho yegamiye muri poritike na bamwe mu baserukira ibihugu vyabo nk’Ububirigi, Ubuhorande n’Ubumwe bwa Buraya. Petero Karaveri Mbonimpa akaba yakiriwe n’amashi menshi, harimwo n’abavuza amafirimbi, bose bagasaba ko yorekurwa. Akajagari kakaba kaciye gatangura, abaporisi barazibira amayira yose, baburagiza abari aho, bakanka ko ata n’umwe yinjira, ndetse n’abamenyeshamakuru bakaba batoroherejwe, yaba abafata amasanamu canke abashaka gukurikirana urwo rubanza, kuko baciye bahezwa hanze umwanya utari muto, mu nyuma barabareka barinjira. Bamwe mu banyagihugu rero ukaba wabona bariko bararira, abandi nabo bakavuga ko bafise umwizero ko buca arekurwa.
Pacifique Nininahazwe, umwe mu bari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike yari ngaho, avuga ko uwu munsi wa gatanu bise uwa gatanu w’urwatsi rubisi (Vendredi vert), ari umunsi bibuka igihe Petero Karaveri yafatwa, ndetse bagaca bagira umwizero ko ubutungane buca bumurekura kuko ataco yagirwa.
Inyuma y’urubanza, abamenyeshamakuru bakaba babariwe ko urubanza rugiye mu mwiherero, ko mu masaha 48 ariho hazomenyekana namba uwo mutama w’imyaka 66 agiye kubandanya apfunzwe, canke namba azorekurwa.
Twobamenyesha ko bamwe mu bari baje gushigikira uwo mutama aharanira agateka ka zina muntu n’akabapfunzwe bari bambaye impuzu ziriko isanamu ya Petero Karaveri Mbonimpa yanditseko ’’Rekura umutama PC Mbonimpa’’. Abandi nabo, bakaba bari bambaye ibirato bifise iryo bara, amahereni, amasaho y’abakenyezi bisa n’urwatsi rubisi hamwe n’ibirato. Bamwe mu baserukira ibihugu vyabo nabo bari ngaho, bakaba bariko bihereza ikinyobwa c’ifanta gifise icupa risa n’urwatsi rubisi.
Aristide Nizigire
Messages
23 Rusama 2014, 14:33, par Nelson
Ubutunganenibwifuke amaso burekure uwo mutama pe.ineza yitugwi yindi.
23 Rusama 2014, 14:33, par Nwari
Izodura zaba police ntiboja kubohoza imitumba abanya rwanda batwaye/aho kwigira ingwe mubanyagihugu
23 Rusama 2014, 15:16, par SIHONDI Levis
HAHAHAHAHAHAHAHAA NTIMWAMENYE INGENE MUVYIFATAMWO, KUKO IYO MWAMBARA AMAGUNIRA MUKISIGA IMINYOTA, BAGACA BABATWARA MU NKOROFANI, NIHO NAMAKUNGU YARIKUBONA KO BIKOMEYE BAGACA BAMUREKUZA. HIHIHIHIHIHIHIIII NAMYE MVUGA ABANYAMULENGE NA BA CONGO MANI NTIBASIMBURWA!!!!!!! YAMENYEREYE IBIZIGA VYABARUNDI, ABIGARAGUZA AGATI IGIHE ASHAKIYE, ARAWUNWA NAWE NTUMUNANIRA KUKO ARAKUZE.
23 Rusama 2014, 18:52, par Muco
Yewe SIHONDI Levis, Izina niryo muntu. Koko siho uri. Wibaza ngo uriho ariko wapfuye uhagaze. Ubu rero abantu bo mu butegetsi mwiharaje kuja kuri za websites mukora za commentaires zirwaye zo gutyoza abantu ngo niho bobona ko muri mu kuri muvyo mukora? Ni mukore ivyiza mushimirwe, ni mwabandanya ubwo bunyamaswa bwanyu, bazobavuga nyene.
Kandi abarundi bareme igihe gishize sico gisigaye.
24 Rusama 2014, 06:04, par Nelson
Muco reka gutera iteka icokintazi sihondi alexis ngari muri leta.uwo nimbonera kure arasunikwa nkakurya kwi piyo ya dame.
24 Rusama 2014, 06:57, par Renovat membre
Muburundi uvuze ukuri ucupfungwa.Butungane rekura uwomutama!Hama intwaro yaba cndd igiye kurangira vuba mumashi canke mumigere mubimenye.
24 Rusama 2014, 08:09, par haihai
yewe mbonimpa nibagupfunge kuko wabesheye abantu bariho ngobarapfuye uburero nusigurire abarundi na makungu ico warutumbereye
24 Rusama 2014, 12:09, par nsabiyaremye alexis
muvyukuri sinzi amategeko ariko ubutungane bwarengeje urugero uwo mutama yarakwiye kuburana yidegemvya kuk ndakeka ko ataho yohava aja kuk naw arabizi ko nkatwe abanyagihugu batoya nabandi beshi tukimukeneye,murakze,
24 Rusama 2014, 13:35, par MAZAMEZA
kuba atariho uri kigugu ntibisigura kuvuga ibisunitstwe nimpemu, ejo niwewe kandi ndazi ko mutama mukuvugira abarenganywa adatora nka mwebwe mwa bigugu vyimbonerakure mwemera kuja guhonera muri RDC ngo mushaka somalia. mubwire MUCO yamara bariye kutumva.
26 Rusama 2014, 15:07, par SIHONDI Levis
NIMUREKE GUTANAKO IMYIKOMO, NIMUSOME KURI SITE YA CIRAMUNDA RICHARD MURABE ABATEGUYE IVYO MBONIMPA YAVUZE NIVYO YEREKANYE, MWONGERE MUMENYE NICO BARIBAGAMIJE!!!!!!!! ICOMBONYE NSANZE ABATUTSI ARI INKOMA!!!!!!!! PACIFIC , VITAL , MUHOZI NA RPA MWARAWUMUTEKEYE KOKO HIHIHIII. UWOKWUMVA MUMUVUGIRA, YOGIRA NGO NURUKUNDO MUMUKUNDA NAHO ARI UKWIVUGISHA. PLAN ZA BATUTSI ZOGUCAFUZA ABAHUTU NTAHO ZIZOSHIKA, KUKO N’IMANA YARAMAZE GUSESEMWA NIVYO MWAKOREYE ABAHUTU, UBU IKENEYE KUBASHIRA KUMUGARAGARO!!!!!!!!! NIMURENDEGERE.