IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > "Abarashe abo tuburanira baridegemvya mu gihe abarashwe bo bapfunganywe (...)

"Abarashe abo tuburanira baridegemvya mu gihe abarashwe bo bapfunganywe ibikomere!"

mercredi 30 Ndamukiza 2014

Amakenga ni menshi ku basanzwe baburanira abanywanyi b’umugambwe MSD bari mw’ibohero rikuru rya Mpimba, inyuma y’aho bafatiwe ku ngoro y’uwo mugambwe ku wa 8 Ntwarante uyu mwaka, bamwe ndetse bakaba baranarashwe abandi barakubitwa barashaya.

Nk’uko umushingwamanza Amédée Nzobarinda asanzwe ababuranira abo bapfungwa abivuga, ingingo y’208 yo mu gitabo mpanavyaha yararenzwe, mu gihe abo banyororo bategerezwa kuba baciriwe urubanza mu minsi itarenze cumi n’itanu, ubu ukwezi kurarangiye, atakirakorwa, inyuma y’aho bungururije muri sentare isubiramwo y’i Bujumbura ku wa 28 Ntwarante uyu mwaka.

Ayandi makenga umushingwamanza avuga, akaba ari abakuwe kwa muganga batarakira, bagatwarwa mw’ibohero. Muri abo umushingwamanza Amédée Nzobarinda avuga ko bakuwe mw’ibohero n’umushikirizamanza, ari nk’abitwa Odile, Furaha, Nathan Ndayongeje na Muhizi. Muri abo, bamwe baja kuburana bafise ibiguma bitarakira, abandi barwaye inkoni bakubiswe, mu gihe hari n’abarashwe bimwe vy’akamaramaza, kandi batariko baravugwa neza. Avunira akagohe ko nyabuna abafise urwo rubanza kwitwararikwa izo ndembe, kugira ntibahave bitaba Imana nk’uko vyashikiye Bienvenue Busuguru, yasandavye kubera gufatwa minenengwe n’abarongoye iryo bohero rya Mpimba.

Umushingwamanza Amédée Nzobarinda agatangazwa n’ingene hari abaporisi batandatu bakuru bakuru bitwariwe muri parake nkuru y’igihugu ko aribo batanze uruhusha rwo kurasa abo banyagihugu bahurikiye mu mugambwe MSD, urwo rubanza rufise inomero 433, gushika ubu abo bantu ntan’umwe ahamagarwa, ntibakomwakomwa, kugira bagire ico bashikiriza kuri vyashitse kuri iryo genekerezo. Bikaba ari akamaramaza nk’uko abandanya abivuga, uravye ingene abarashwe aribo barengutswa bafise ibikomere barashwe, ariko abatanze itegeko ryo kurasa bidegemvya.

Asaba ko abarashe bokwagirizanya n’abarashwe mu butungane, kugira urubanza rugende neza. Atari aho, umushingwamanza Amédée Nzobarinda akavuga ko impera n’imperuka bazoteba bakitura ubutungane mpuzamakungu, kugira berekane ko abo banywanyi b’umugambwe MSD bapfunzwe bazira akarenganyo, ndetse bapfunzwe kubera imvo za poritike.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.