Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abari mu myiyerekano bariko begereza igisagara ca Bujumbura - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Abari mu myiyerekano bariko begereza igisagara ca Bujumbura

Abari mu myiyerekano bariko begereza igisagara ca Bujumbura

lundi 27 Ndamukiza 2015

Bagenzi bacu bari mu makomine atandukanye bariko batumenyesha ko imyiyerekano yatanguye.

Muri komine ya Kanyosha, abantu bariko biyegeraniriza iruhande y’uruzi Kanyosha, rugabura iyo komine na Kinindo, aho abari muri iyo myiyerekano bari bahanganye n’igiporisi, abasirikare bagera kuri 15 nabo, basa n’abarorerezi. Muri iyo komine nyene ya Kanyosha, urwaruka rwambaye amabi y’ibiti mu mutwe, rukaba rwaguma ruza buhohoro buhoro, abandi bantu nabo bahagaze imbere y’amazu yabo. Muri komine ya Ngagara, Musaga, Cibitoke bikavugwa ko abasirikare bamaze gutangura gufasha abaporisi.

Tukabamenyesha ko kugeza ubu, abantu batanu aribo bivugwa ko bamaze kwitaba Imana barashwe n’abaporisi, aho hari n’umusirikare yitavye Imana muri iri joro rya keye, uwo nawe, akaba yoba yahitanywe n’urusasu rwariko rwiyerereza. Abateguye iyo myiyerekano rero bakaba banegura inguvu zakoreshejwe n’igiporisi, bakavuga ko abarashe abantu bizobawa ababikoze, n’abari babarongoye. Abanyeporitike nabo bateguye iyo myiyerekano, baremeza ko hari n’uwaruka rw’Imbonerakure ibihumbi 3 za CNDD FDD zamaze gushikanwa mu gufasha abaporisi guhasha abari mu myiyerekano.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ntakibazo turazi yuko azovako kunguvu zabanyagihugu icogipolici yishimiye nizo mbonerakure ndazi yuko badasumba abanyagihugu ntagihugu nakimwe kimushigikiye aho rero ninkoguhenura ameze nk igiti kiri kunkombe yuruzi akanya nakanya kigatwarwa

  • Mana wa ibintu birakomeye muhave mudakora ihonyabwoko ubwumvikane ni ngombwa Interahamwe ni uko zaje ngo zirigufasha abasirikare guhashya inkotanyi
    amakungu ni abe hafi atabare abarundi weeee 11!!!!!!!!!!!!!!!!ishyano ritagwaweeeeeee8!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!biragoranyr pe!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!

  • ntimba nkurunziza akunda imana agakunda ubuzima bwiwe narek kwitoza 3em mandant si non abanyagihugu baramusanga nokukirimb ciye kuk naho imbonerakur zorasa nigipolic kikarasa nticoheza 9milio zabanyagihugu

  • Abahima ivyo bamye bifuza bigiye gushika, ariko Kagame aribesha yihende tuzomwigisha icabujije imbwa kwambara inkinkofero.Barundi benewacu ni mureke guhendwa na cane cane urwaurwaruka.uwudakeneye Nyenicubahiro kuba umukuru w’igihugu,biroroshe:Rondera umuntu bahiganwa niyatsindwa azoca akinjuru.Ubu ntaba sans Echeques bazokongera kutwicirako abantu.

  • MURIBESHA KUKO IYO MUBA I MILLION 9 MWAHIGANWA NAWE MUKAREKA KUMUTORA MUGATORA UWO MUSHAKA,MBEGA AHO MUTUBESHA NTIVYAGARAGAYEKO ABATUTSI ARIBO BATAMUSHAKA GUSA NOBAMENYESHAKA MURIKO MUTWIGISHIRIZA UMUGAMBWE KANDI BIKOMEYE,UBU UMUHUTU WESE YABONYE INTUMBERO YANYU MUTARETSE BUCA NATWE TUBAHAGURUKIRA TWICANE UWUZOKIRA ATWARE ARIKO YUBAHWA NABANYAGIHUGU KUKO NTIMUGAYANA MURARENGEJE?????MBEGA TWEBWE TWABAYE MUBUJA BWANYU IMYAKA 40 ATAMUHUTU YIGA KAMINUZA CANKE AJA MURI ISCAM CANKE MUNTWARO MUKATWICA UKO MUSHATSE AHO TWOVUGA 72,88,93 GUSHIKA NUBU NONE NUBU MURACANYOTEWE AMARASO YABAHUTU TWABAHINYUYE NIMUGENDE.MUGIRA MUSUBIRE KWAMBIKA AMA PNEUS ABANTU?????

  • Peter nimba usenga ntiwokorosha ibibazo ukaba udashakakorosha ibibazo amasheshoyawenifecek munganiwamukomboziubuntubonako abanyagihugukobakwase

  • abanyarwanda bararumaze bati ’urucira mukaso rukica nyoko’ wewe uvugako arabatutse mugomba kwishura nyuma yibi azahava uzanga ingaruka nini iri kuriwewe

  • mpozenzi na j luc muri ibijuju vya nyuma. kandi muri ba bana bo gupfa rubi. amacakubiri twarayarenganye basha, aho mutamba mwirorera! mbega mwebwe ubwoko bwanyu ni ubuhe? ntanubwo muzi! barundi bene wacu, dufatane mu nda twiyamirize ba nsumirinda nkaba.

  • Emwe Ivyubu Ni Hatari Nne Umukuru W’igihugu Avuzeko Azitoza Abatsinze? Nimurek Petero Nkurunziz Yitoz Maz Muvyerekanir Mumatora Ko Mutamushka Mutmutoy Ntazotsind Rer Ntampamvu Yokuguma Muja Mumabarabar

  • jew nama nibaza ibibazo vyish nikuk umugambw uri kubutegets wiyambaza imbonerakur?mbe nuk bazi kugwana?nuko aribo bafis inguvu ?nuk arib baz gukingira abanyagihugu?

  • Mbega Ubuhoho Bigeze Hehe? Ntabandi Bantu Baricwa ?Twebwe Aho Duherey Muri Ngozi Ni Amahoro Ivyo Ntabihari Ok Murakoze

  • mana tabara uburundi kuva 1993 yuri muntambara abarundi twari dukwiye guca ubwenge

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.