Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abarimyi b’ikawa bahumurijwe n’ibanki y’isi yose - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Abarimyi b’ikawa bahumurijwe n’ibanki y’isi yose

Abarimyi b’ikawa bahumurijwe n’ibanki y’isi yose

mercredi 28 Rusama 2014

Mu gihe hari hamaze iminsi havurwa ko umwimbu w’igiterwa c’ikawa ushobora kugabanuka muri uno mwaka hafi ibice 50 kw’ijana bivanye n’ihinduka ry’ibirere ryibonekeza, ibanki nkuru y’isi yose yiyemeje gushigikira Uburundi mu gushira umutahe mu gisata c’ikawa.

Mu mubonano Philippe Dongier, umuyobozi nshingwabikorwa mu bihugu bitatu biri muri Afrika y’Ubuseruko ari vyo Uburundi, Ubuganda na Tanzaniya mw’ibanki y’isi yose yahawe n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gerevazi Rufyikiri, akaba yamenyesheje ko hagiye kuboneka akarusho mu gisata c’umwimbu w’ikawa, na rirya ibanki y’isi yose yiyemeje gushigikira Uburundi mu gushira umutahe mu giterwa c’ikawa no mu mukwubaka ingomero z’umuyagankuba za Jiji na Murembwe.

Inama nshingwabikorwa mw’ibanki y’isi yose rero ikaba yemeye kuzobandanya ishigikira Uburundi, ndetse ikabandanya ifasha mu kuzamura umwimbu w’igiterwa c’ikawa hamwe no kwubaka ingomero za Jiji na Murembwe.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.