Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abaririmvyi b’Abarundi barihenda mu kwigira abanditsi n’abahingura (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Abaririmvyi b’Abarundi barihenda mu kwigira abanditsi n’abahingura (...)

Abaririmvyi b’Abarundi barihenda mu kwigira abanditsi n’abahingura amajwi

jeudi 3 Mukakaro 2014

Inararibonye mu muziki w’Uburundi Justin Baransananikiye aherutse kugirana umubonano n’abaririmvyi bo mu ntara ya Gitega, intumbero kwari kurabira hamwe ibijanye n’uruganda rwo kubigisha ibijanye n’umuziki nyawo w’Uburundi.

JPEG - 25.4 ko
Musenyeri Justin Baransananikiye

Umubonano wari witabwe n’abaririmvyi b’i Gitega atari bake barimwo n’abigeme, wabereye mu Kigo Alliance Française c’i Gitega. Abo baririmvyi bashaka kuyaga na Musenyeri Justin BARANSANANIKIYE ibijanye n’uruganda rwateguwe rwo kubigisha ubuhinga nyabwo bwo kwongera gusubiza akanovera umuziki w’Uburundi.

Musenyeri Justin Baransananikiye yabaciriye ku mayange ukuntu mu gihe ciwe ca kera, batanguye guteza imbere umuziki w’Igihugu cacu muri Orchestre National ya mbere mu mwaka w’1977. Yabwiye abaririmvyi b’i Gitega ko ubu bigaragara ko umurongo bo bakorerako kera atariwo abaririmvyi bo mu Burundi ba kino gihe bakorerako, kuko baguma babura amajwi y’indirimbo zabo ku zo mu bindi bihugu, bigatuma akaranga k’Uburundi katakigaragara, n’ururimi rwacu rukononekara.

Musenyeri Justin yabaciriye agace ku kuntu bobo mu gihe cabo kera, bagenda mu misozi, bakegera abavuza inanga n’amakembe n’imiduri, n’abavyina imvyino, bakabumviriza bitonze, bagaheza bakababurako amajwi n’amajambo ari mu kirundi kiryohoye, bagatako bakikora ku nararibonye z’abakurambere zizi Ikirundi neza zikabakosora, bagaca baja kuyahinguramwo indirimbo ziteye igomwe zakunzwe cane, nka INDEGE IRAHINDA, IMVUMERO YAWE NI YO NGOMANGOMA, IYO MANZI WARARAYE, AGACACA KARANTEZE, NKANDIRA, n’izindi nyinshi.

Yababwiye kandi abo baririmvyi ko bakora amakosa menshi cane mu gushaka kwitwa abanditsi b’amajambo y’indirimbo, bakongera bakaba kandi n’abahingura amajwi. Musenyeri Justin yavuze ko, ivyo bikorwa bibiri bidasa, kuko umwanditsi w’amajambo atagerezwa kuba ari umuntu yize neza akanonosora ivy’indimi, mu gihe uwuhingura amajwi y’indirimbo ategerezwa kuba uwuzi neza ivy’amategeko n’ubuhinga bw’umuziki.

Ku kibazo c’uko abaririmvyi batoririmba mu Kirundi gusa kandi bari mw’ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko bavuga indimi nyinshi, Justin yabahaye akarorero ka Youssou N’dour wo muri Senegal n’umuhisi Miriam Makeba wo muri Afrika y’epfo, ukuntu bagizwe rurangiranwa n’indirimbo baririmvye mu ndimi zabo kavukire, ariko zari zifise akanovera gashasha zizanye ku rubuga rw’umuziki mpuzamakungu.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Musenyeri ivyavuga nivyo nisunze utwo turirimbo nutuvyino yatwibukije twaririmbwe nabaririmvyi bahohambere ukuntu nunomusi tugifise akanovera nifurije abarundi babaririmvyi kumwegera kubwishi, Mbesejewe kubera mbona umusiki arikintu ngirakamaro cane reta irakwiye gushiraho program yokwigishasha umusiki guhera mumashure matomato kugeza muri kaminuza, ndaziko mumyaka yambere vyogorana kuronka abarimu bigisha umusiki ariko inyuma yimyaka itaru reta yobayamaze kuronka abarimu bafise impamyabushobosi zokubaha uburenganzira bwoguhabwa akazi kubwigisha bwa music, icogiherero kugira reta ifashe abarundi kubakundisha umusiki mugihe iriko irarondera abigisha bigisha mumashure matomato, ayisumbuye , nakaminuza yovugako mubarimu ikeneye bashika 200 nakarorero harimwo 50 bategerezwa kubabafise urupapuro rwerekanako muvyobize harimwo na musika ubworero muraziko abobabasavye akazi bababarega 200 ariko bamwebize ivyumuziki bashoborakuba babonetse arinkabashika nka 30 bobo bobabafise amahirwe yoguhamba akazi, bagacabongera bagaha akazi abandi bashika 150 ubwo reta ikavugako yabuze abarimu 20 mugihe hariho abasavye batarose akazi kubera ibibaza bikeneye abigisha bazi ibijanye na musika, kuvicogihe abantubotangura kwitaho muvyobiga nogushirako ivyamuzika. Uwomusenyerirero ivyavuga bifitiye akamaro igihugu kandi birinomumugambi wokurondera inzira ishoboka yokugabanya ubushomeri. Murako Mgr. Justin Barasananikiye.

  • Murakoze cane, Mama, kuri ivyo vyiyumviro bihambaye cane mushikirije KUBW’INEZA Y’IGIHUGU CACU C’UBURUNDI. Ubushikiranganji bw’amashure y’intango n’ayisumbuye burazi neza ko iri Shure ririho kandi ko ryahawe uburenganzira bwo gukora n’Ubushikiranganji bw’imico kama bujejwe igisata c’umuziki mu Burundi. Narabandikiye kuva mu kwezi kwa Munyonyo 2013 kandi Abajejwe Ibiro bitegura ama programmes y’inyigisho mu mashure barantumyeko turavugana, bansaba mbere gutegura umugambi w’uruganda rwo kwigisha barya bigisha b’amashure Shingiro muvy’umuziki. Narabiteguye neza ndabibashikiriza, ndategura n’ibiharuro vy’amafaranga vyosaba, mbere ndanakosora n’igitabo c’icigwa c’umuziki co mu mwaka w’indwi kuko carimwo amakosa menshi. Nta mwigisha ashobora kucigishamwo kimeze kurya bacanditse. N’indirimbo bashizemwo, nta mwigisha n’umwe ashobora kuzigisha atabanje kuzigishwa mu gitabo nakosoye. Izo ndirimbo nyene narazikosoye, ndazishira mu majwi yazo meza abereye, ndanababwira ko bompa uburyo ngategura Chorale yanje ikazoja kuziririmba kuri RADIO NDERAGAKURA NO KU YANDI MARADIYO YOSE kugira abana aho bari hose mu Burundi bame bazumva kumwe ntihazobemwo amakosa. Narabahaye n’iciyumviro ko batokwongera kwandika ibindi bitabo vy’umuziki batabanje kunsaba kubibafashamwo kuko BOHAVA BONGERA KWONONA AMAFARANGA Y’IGIHUGU MU KWANDIKA AYANDI MAKOSA. Kugeza uno musi nta nyishu ndumva ivugwa kuri iyo mugambi yose mu gihe vyari bikwiye ko twotegura VUBA abo bigisha ba Shure Shingiro muri kino kiruhuko. INSTITUT DE MUSIVOLOGIE DE GITEGA ndongoye ni ishure ryigenga rifise urutonde RUKOMEYE RW’IVYIGWA VY’UMUZIKI RUMARA IMYAKA ITATU, dushobora kwigisha abahinga n’abigisha bakanonosora ibijanye n’ubumenyi bw’amategeko mpuzamakungu yo gusoma no kwandika no kuririmba umuziki (Solfege), ubuhinga bwo guhingura no guhinyanyura amajwi neza no kuvuza ibicurarangisho bitandukanye ku mategeko (gammes, accords, harmonisation, n’ibindi vyinshi bijanye na vyo), ubuhinga bwo kwigisha Umuziki ku mategeko mu mashure, kumenya kahise k’umuziki mpuzamakungu (Histoire de la Musique), ivyigwa vy’ushakashatsi ku buhinga bw’Imiziki y’ibindi bihugu bishobora kudufasha kumenya ingene twonagura natwe umuziki wacu, n’ibindi n’ibindi. Abana b’Abarundi bari bamaze imyaka irenga mirongwitatu batiga Icigwa c’umuziki kuva aho Leta ya Republika ya kabiri yagifuta. Ntibidutangaza kubona ukuntu abacuraranzi n’abaririmvyi ba kino gihe bariko barakora amakosa menshi mu mwuga wabo, hanyuma tugashinga Ishure nk’iri Leta ntibafashe kurizamwo. Amafaranga Leta yorihira umuntu umwe gusa yoja kwiga Umuziki muri Conservatoire (imyaka itanu) mu bihugu vyo hanze, arashobora kurihira Abarundi barenga ijana 100 hamwe Leta yobaturungikira kwiga muri iri Shure ryacu ry’i Gitega kumara IMYAKA ITATU gusa tukaba turonse abigisha babizi. Kandi ivyo boja kwiga mu bihugu vyo hanze, NI VYO TWIGISHA NGAHA IWACU. Abavyeyi nibabaze Leta ko ivyo bitokorwa ku neza y’abana babo kugira n’imiburiburi dutunganye VUBA uruganda rw’amezi abiri, dukwakwanye dutegure abigisha ba Shure Shingiro ku bijanye na programme y’umuziki yo mu myaka y’indwi n’iy’umunani, hanyuma MU KWEZI KW’ICENDA ABANA B’UBURUNDI BIGE UMUZIKI NTIBONGERE GUTAKAZA UWUNDI MWAKA. Ndagushimiye cane, MAMA.

  • Mgr. Justin, Ndanejerejwe nuko mwahejeje gushikiriza reta yacu yuburundi uyumugambimwiza wokugutunganya neza ivyumuziki biciye mumashure mato nayisumbuye, bishobora kuzotebagato ndibaza kotweteguye kuzoronka akakuru kogushigigira uyumugambi warakoze. Ariko tukirindiriye umuvyeyiwatwese reta rekatubeturakora ivyodushoboye nkuko wavuzeko hamaze gutangura ishule ryumuntu ashobora kwigamwo ibintubitandukanye bijanye numuziki bikamutwara imyaka ishika 3 Iconshakarero nshaka kuzorungika abanyeshure 2 cane 3 bizivana nubushobozi nzobamfise kugirabige mwiryoshure rimara imyaka 3 ariko imbereyavyose ndashaka kumenya ibisabwa kugira umunyeshure yemererwe kwiga mwiryoshure ubwonanje nivyozocanisunga mukurungika abobanyeshure; akarorero bisabwa ko abobanyeshure bababafise ubumenyi bumezegute? ( bamaze amashure yisumbuye) canke bamaze uwacumi? 2 Mumwaka umunyeshure atanga amafranga angahe? etc niwaba ubona bidashomboka kobicangaha mwombarira nzonca ndakwandikira email abariho ubimbwirira canke ndakwisangire Gitega, ahanarinibazako nabandi batabizinkanje bocababoneraho nabokubimenya. Jewe ukondakwumva ivyuvuga kutakwiyegereza nukwanjanjwa wewe nubuhoza igihugu kikagutwara kugifasha gutanga ubwobumenyi ufise twosigara turungika abanyeshure iyowagiye kugiciro cohejuru cane nkuko wahoze ubitugereraniriza. Jewerero imyaka yanje irihejurucane yokugira nakire ubwobumenyi ariko niteguye guhamahirwe abana nabuzukuru banje nabagenzi uzobagabanyirizeko kurivyishi uzi. Murakoze Musenyeri Justin Barasananikiye kubamwigora bigezaha mukuduhinkuru zijanye nubumenyi twebwe abenegihugu kugira tuzogire kazoza nziza irimwo nubumenyi bwa musique nibijanye nawo vyaba vyakirundi cankevyomurwego mpuzamakungu. yari Mama.

  • Mama, sinzi ukuntu nogushimira ku mwitwaririko nk’uyu ufise kubwo kwigisha abana b’Uburundi icigwa c’Umuziki cazimanganye mu giguhu cacu. Imana iguhezagire cane. Ishure rimaze kwitwa gurtyo, ivyaryo bivugirwa ku mugaragaro. Rero, INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA ifise ibisata bibiri bikurikira:
    1.IGISATA CIGISHA UMUZIKI KUMARA IMYAKA ITATU 3 : gitanga Ivyigwa vy’Umuziki mu nzego zawo zose. Abarangije ico Gisata, bashobora kuba abigisha babunyoye b’Icigwa c’umuziki mu mashure mato n’ayisumbuye, canke bagashinga imirwi yabo y’umuziki yaba ama orchestres canke Chorales, canke bakaba abahinga bitumwako bakorana na za studio zisohora ama albums y’indirimbo mu kuba ababafasha guhinyanyura neza amajwi y’abaririmvyi n’ay’ibicurarangisho. Bashobora kandi kuba abanditsi b’ibitabo vy’amajwi y’indirimbo izo ari zo zose nk’uko turiko turabikora ubu kugira indirimbo zitandukanye zo mu Burundi ntizize zizimangane kandi zizoshobore kuririmbwa ata kosa naho hoba mu myaka igihumbi izoza. Barashobora no kuba abashakashatsi b’abahinga mu guhinyanyura indirimbo nziza zabuwe mu muziki kavukire uwo ari wo wose. Bazohabwa DIPLOME yemeza ko ari ABAHINGA B’UMUZIKI.
    Mu kwinjira muri ico Gisata c’imyaka itatu 3, twasavye ko umuntu aba yarahejeje n’imiburiburi umwaka w’icumi w’amashure yisumbuye, ariko n’uwuyirenza arashobora kuza kuko nk’uko wabiduhanuye, birashobora kuzomuha akazi ko kwigisha umuziki. Ukwiyandikisha ni amafranga IBIHUMBI MIRONGWITANU 50.000 FBU y’ishure, minerval, ku mwaka, hakongerwako ayandi IBIHUMBI CUMI 10.000 FBU vyo kwiyandikisha. Umunyeshure wese arimenya kuvy’indaro. Ivyigwa bizotangurira co kimwe n’ayandi mashure mu kwezi kw’icenda. Mu vyo biga, harimwo kandi Igifaransa, Icongereza, Ikirundi, Igiswahili, Ibiharuro, Informatique, Comptabilite, Entrepreneuriat, bizobafasha gutunganya akazi kabo bahejeje. Aba mbere nibasohoka, tuzoba twuguruye KAMINUZA Y’UMUZIKI IMARA IYINDI MYAKA IBIRI 2, ikurira iri Shure, kugira ngo abifuza kurushirizaho rwooose kunonosora ivy’umuziki bashobore kubishikako, kuko burya umuziki naho bawukengera, ufise ibisata vyagutse cane biwugize. Abazosohoka muri iyo Kaminuza y’Umuziki na bo, bazoshobora kuba abagenduzi b’Ivyigwa vy’Umuziki mu mashure, canke bashinge ayandi mashure y’Umuziki mu zindi ntara z’igihugu cacu canke mu makungu, babe abanditsi
    b’ibitabo vy’umuziki, canke bazohabwe akazi ko gutegura no gutunganya ama programmes yo kurushirizaho kwigisha Umuziki neza, n’ibindi.
    2. Dufise n’IGISATA KIJEJWE GUTEGURA AMA SEMINAIRES N’AMA RECYCLAGES Y’UMUZIKI amara igihe gito, kigakora cisunze ivyo tuba tubonye ko abaririmvyi canke abacuraranzi baba bakenye kunagurwamwo canke gukosorwako. Mu kwinjira muri iki Gisata, nta mashure umuntu yize turaba. Apfa kuba yerekanye ko yifuza kunagurwa mu vyo tuba dutumbereye kwigishako. Nk’akarorero, iki Gisata ni co giteguye rwa RUGANDA NKARISHABWENGE RW’ABARIRIMVYI B’I GITEGA, ruzoba guhera ejo itariki 7 Mukakaro gushika itariki 27 Myandagaro, rukazobera harya muri ALLIANCE FRANCAISE i Gitega. Uwifuza kuja mu Nganda bene izo, atanga amafranga IBIHUMBI BITANU 5000 FBU yo kwiyandikisha, hanyuma akigurira ibitabo dutegura kubigishirizamwo. Abanagurwa muri aya ma Seminaires tubaha ATTESTATION yemeza ko banaguwe muri ivyo tuba twabigishije.
    Iki Gisata nyene ni co categuye Ivyigwa vyo kunagura Abigisha ba Shure Shingiro cisunze programmes z’Umuziki bafise zo mu myaka y’indwi n’iy’umunani, tukaba dushobora kubibigishiriza hamwe vyose mu kiringo kitarenze amezi abiri, kugira bace baja kubitanga mu mashure guhera mu kwezi kw’icenda kuza. Kubera ko ivyo kunagura abo bigisha ari igikorwa kitoroshe kandi cadusavye ubundi buhinga bwisumbuye, uburyo tubasaba si co kimwe n’ubwo bwo gutunganya Seminaires canke Recyclages zisanzwe ku baririmvyi. Nihaba hari ibindi bibazo, muravyandika aha nyene tuvyishurire hamwe kugira abakeneye inyishu babisomere bose hamwe. Mama, uragahezagirwa!

  • Mgr. Justin Barasananikiye. numva ivyonashaka bikurubikuru wabivuze mbere nivyonari naretse kukubaza kandi narashaka ko nobikubaza waciye ubishira ahabona, womengo wariwabonye konkereye ibirenze ivyonakubajije, kandinivyo nivyomusanzwe mutwigisha canke ijambory’Imana niryoritubwirako iyodusab’Imana tuyisababike ivyishi ikabiduha atavyotwaritwasavye bisigura kw’Imana idugunda cane , Nawerero urampaye infromation zose kubera unkunda cene cokimwe nabandibagenzibanje bashoboye gukurikirana kuriruno rubuga rwikikinyamakuru Igihe nizereko abantubose bakurikiranye ivyotwariko turabaza Musenyeri Barasananikiye vyabanezereje canke naboharimwo icovyabafashije nacanecane abarundi bobumva ururimi rwikirundi 99/100 nabanyarwanda bumvikirundi 90/100 nabatanzaniya bumvikirundi simenya percentages yabazikirundi arikondazikohariyo abazi ikirundicishi cokimwe na Congo kuko hariho abakongomani beshi banashoboye kwigisha ngaha iburundi ndibuka abanabanje bataru bigishijwe nabakongomani bomubwolo bwabanyamurenge naba Furero mumashure yintango nunomusi ntawubasumva kuvuga ikirundi, ba Congomani mwarakoze. Ndangije nshimira Mgr Justin Barasananikiye yemeye kwicishabugufi kugiramenye ivyontazi ndakwemereye wararobanuwevyukuri ijambo ry’Imana ngo uwutasokwemera kwicishabugufi nkumwana mutoya ngontazokwinjira mubwami bw’Imana,egondavyemeye wewe urabishize mungiro nukuri! Musenyeri ndagushimiye ntahejeje nejo nzokwongera kugushimira. Yari’ Mama

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.