Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Abaririmvyi b’abarundi basaba insamirizi zo mu Rwanda kuvuza indirimbo (...)
Abaririmvyi b’abarundi basaba insamirizi zo mu Rwanda kuvuza indirimbo zabo
vendredi 20 Nyakanga 2013
Mu myaka iheze, indirimbo z’abarundi wasanga zivuzwa cane ku maradiyo y’Urwanda, na cane cane ko ururimi rw’ikirundi rusa n’ikinyarwanda, kandi ndetse amajambo abarundi bakoresha usanga kenshi asa n’ayabanyarwanda. Muri iki gihe rero, biramaze kugaragara ko indirimbo z’abarundi zitakivuzwa cane nka kera n’amaradiyo y’Urwanda.
Bamwe mu baririmvyi babajijwe n’ikinyamakuru IGIHE, baremeza ko ubu indirimbo z’abo zitakivuzwa cane. Lolilo umwe mu baririmvyi bo mu Burundi, avuga ko kera indirimbo ziwe zavuzwa cane n’amaradiyo yo muri ico gihugu, ariko ubu akaba atazi imvo zoba zaratumye indirimbo ziwe zitakivuzwa. Abandanya avuga ko igihe yari mu mahanga, indirimbo ziwe zatangura kumenyekana mu gihugu c’Urwanda, imbere y’uko mu Burundi zimenyekana.
Ku bwa Rally Joe uwundi muririmvyi w’umurundi, avuga ko atumva igituma ibinyamakuru vyo mu gihugu c’Urwanda bitigera bivuza indirimbo z’abarundi. Rally Joe rero akaba yemeza ko naho izo nsamirizi zo mu gihugu c’Urwanda zitavuza indirimbo zabo, abanyarwanda bazi neza ko abarundi bashoboye umuziki.
Nayo Samantha umwigeme w’umurundikazi aherutse kuronka agashimwe ka Primusic, aho yabaye uwakabiri, avuga ko ibinyamakuru vyo mu Rwanda vyoba vyafashe intumbero yo kutavuza indirimbo z’abarundi kubera indirimbo z’abanyarwanda zivuzwa cane mu Burundi, ndetse indirimbo yitwa Turikumwe ya King James, ikaba iri mu zabaye izambere mw’ihiganwa ryitwa Top Ten Awards ritegurwa na Bonesha FM.
Abo baririmvyi ukwo ari bose, bakaba bahurije ku kintu kimwe co gusaba ko amaradiyo yo mu Rwanda yosubira akavuza indirimbo z’abarundi nk’uko vyahora kuva kera.
Joel Sengurebe
Messages
24 Gitugutu 2013, 08:16, par Mpawenayo augiste
Nivyaba arikwobimez twosaba natweyuko amaradio yomuburundi konayo yohagarika kuvuza indirimbo zabanyarwanda.kibe kimwe kukindi.
14 Nyakanga 2015, 13:29, par denison juniol
nimudutegeka
14 Nyakanga 2015, 13:34, par denison juniol
ndacyari umwana ariko abarundi nandirimbo mugikora nkubunjyewe namuhanzi numwe nzi wumurundi kuberako nandirimbo mufite.
27 Nzero 2016, 13:02, par oli west
twunge ubumwe kuko turi bamwe dukomoka kuri adam na eva ntitube nka gahini na aberi