Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Prix Decouvertes RFI: Kwiyandikisha vyatanguye, menya abamaze (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > Prix Decouvertes RFI: Kwiyandikisha vyatanguye, menya abamaze (...)

Prix Decouvertes RFI: Kwiyandikisha vyatanguye, menya abamaze gutsinda

mardi 12 Rusama 2015

Abaririmvyi b’Abarundi co kimwe n’abo muri Afrika n’amazinga ya Caraibes yose basabwa kwiyandikisha kugira bahiganirwe ubushimwe, butangwa mw’ihiganwa ritegurwa na radiyo RFI"prix decouvertes RFI 2015. uwutsinze ahabwa amahigwe menshi yo kumenyekana kw’isi.

Nk’uko vyabonetse mw’ihiganwa riheruka"prix decouvertes RFI 2014" aho BOBONA, umuririmvyi w’Umurundi yashoboye gutwara ikibanza ca kabiri, n’abandi babishaka kandi bakwije ibisabwa bohiganwa. Uwushaka kumenya vyinshi mu kwiyandikisha canke kumenya ibisabwa, yofyonda kuri uwu murongo: http://www.prixdecouvertes.com.

Tubibutse ko ihiganwa riheruka(umwaka w’i 2015) ryatsindiye umuririmvyi Marema aturuka mu gihugu ca Senegal, uwo yaciye ahabwa ibahasha ry’ibihumbi 10.000 vy’ama Euros. Aca ategurirwa kuremesha ibiteramo mu bihugu bishika ku 20 vyo muri Afrika hamwe n’igiteramo uwo muririmvyi aca aremesha mu Bufaransa.

Menya rero abaririmvyi bamaze gutwara agashimwe ka "prix decouvertes RFI" n’ibihugu babamwo"

1) Marema (Senegal): 2014

2) Smarty (Burkina Faso): 2013

3) Elemotho (Namibie): 2012

4) Sia Tolno ( Guinee Equatoriale): 2011

5) Maurice Kirya( Uganda): 2010

6) Naby(Guinee Conakry): 2009

7) Mikea (Madagascar): 2008

8) Mounira Mitchakala (Tchad): 2007

9) Belo (Haiti): 2006

10) Tcheka(Cap Vert): 2005

11) Idrissa Soumaoro (Mali): 2004

12) Didier Awadi ( Senegal): 2003

13) Rajery (Madagascar): 2002

14) Macase ( Cameroun): 2001

15) Tiken Jah Fakoly (Cote d’Ivoire): 2000


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.