Accueil > Kwidagadura > Umugwi > Umurwi Other Boys usaba abamenyeshamakuru guteza imbere abaririmvyi (...)
Umurwi Other Boys usaba abamenyeshamakuru guteza imbere abaririmvyi b’abarundi
vendredi 7 Ruhuhuma 2014
Abaririmvyi bagize umurwi Other Boys bariko batera intambwe mu muziki w’Uburundi, ariko bakabona ko gutera imbere kwabo, n’umuziki w’Uburundi biva ku ruhara rwabo, kandi n’uruhara ry’abashikana amajwi kure y’abo.
Umurwi Other Boys ugizwe n’abaririmvyi Lil-k, Jay-Back na Clova-son, abo bariko baduga bukebuke mu muziki w’Uburundi. Lil-k na Clova Son, mu mvugo y’imigani bamenyesha bati :"Izo zibika zari amagi". Uwo mugani bawusigura batunga agatoki bamwe mu bamenyeshamakuru bafise ingendo mbi yo kutavuza indirimbo z’abaririmvyi batarashika kure mu muziki. Babona ko abamenyeshamakuru batoteza imbere abaririmvyi bo mu makungu kandi hari indirimbo z’Abarundi zibitse mu bubati. Kubw’iyo misore, umuririmvyi amenyekana kubera kuririmba n’ivyo aririmba, ivyo rero bitavugijwe ku nsamirizi umuririmvyi ntiyomenyekana.
Umurwi wa Other Boys uremera ko uruhara rwa mbere ari urwabo, ko ari gukora indirimbo zifise ivyiyumviro birashe kandi ziryohera amatwi, ariko naho biri uko, bamenyesha ko atawomenya ko indirimbo canke ururirimbo rumeze atarwumvirije. Barashima cane insamirizi zitari nke zafashe inzira nziza yo guteza imbere abaririmvyi b’Abarundi.
Zimwe mu ndirimbo uwo murwi umaze gushira ahabona, harimwo ururirimbo baririmbiye abana batagira shinge na rugero bise «Impfuvyi», ururirimbo ry’urukundo «Maneno mataamu», ururirimbo ruhamagarira Abarundi gukorera ku mwanya «Kora ku munota», n’ururirimbo «Superasi» rwerekana urwanko ruri hagati y’ubukene n’urukundo. Izo ndirimbo zagiye zivuzwa mu biteramo bagirishije mu ntara za Ngozi, Cibitoke, na Rumonge,, aho hari mu mwaka uheze w’2013. Bahitamwo kugirira ibiteramo ruguru kubera uburyo buba buke, nk’uko abo mu murwi Other Boys babandanya babivuga.
Basaba rero ko abamenyeshamakuru ko boza baravuza indirimbo z’Abarundi kugira bateze imbere bene wabo baririmba. Tuzobereka amasanamu y’ururirimbo «Impfuvyi» hamwe n’amajwi y’indirimbo z’uwo murwi mu minsi mike.
Chérif Nkeshimana