Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Abaririmvyi Lolilo na Fariouz bahuriye mu giteramo vyogenda (...)
Abaririmvyi Lolilo na Fariouz bahuriye mu giteramo vyogenda gute
mercredi 5 Munyonyo 2014
Lolilo na Fariouz bazohurira mu giteramo kimwe mu gihe bizwi ko abo baririmvyi bakunze gupfa ubugabo. Bamwe bakibaza uko abo baririmvyi bazovyifatamwo uwo munsi. N’igiteramo citiriwe "Ni nde ashoboye?".
- Photo Afrifame: Memba ariko arahuza Lolilo na Fariouz
Iruhande y’abaririmvyi batari bake bategekanijwe mu giteramo co kw’igenekerezo rya 16 Munyonyo, akabirya Lolilo na Fariouz bazohurira ku ruhimbi rw’abaririmvyi. Birazwi ko abo baririmvyi atawemera uwundi, ko hari naho bishika bagatana mu mitwe kubera gupfa ubugabo. Ivyo bivugwa mu gihe hari amakuru avuga ko abo baririmvyi baherutse gutana mu mitwe igihe bahurira mu giteramo "karaoke" cabereye muri komine CIBITOKE.
Urupapuro ntangaza giteramo rwanditswemwo "Who is the Best" canke "Nani Mkali" bisigura "Ni nde ashoboye?", urwo rupapuro ruriko abaririmvyi bashika kuri 10, abo ni nka : T-Max, Lolilo, Fizzo, Happy Famba, Black-G, Emery Sun, Jay Fire, The cousins, Rally Joe na G Bidondo. Amakuru dukura muri bamwe muri abo baririmvyi yemeza ko ata higanwa rizoba riri muri ico giteramo naho canditswemwo uko, ariko kazoba ari akaryo keza kuri abo baririmvyi ko kwerekana ivyo bashoboye gukora uno mwaka. Bamwe murabo baremeza ko bazozana bishasha, nk’indirimbo nshasha zisozera umwaka.
Igiteramo kizoba ari kw’igenekerezo rya 16 Munyonyo 2014, mu kibaza c’ishirahamwe Alpha CD Technology iruhande y’isoko bitirira "Kwa Siyoni". Soma vyinshi aha munsi ku rupapuro ntangazagiteramo.
- Photo Afrifame: Memba ariko arahuza Lolilo na Fariouz
Cherif Nkeshimana
Messages
15 Kigarama 2014, 11:56, par MANIRAMBONA JM Vianney
NAGOMBA GUTERA INTEGE ABARIRIMVYI BUBURUNDI NACANE CANE FIZZO NA LOLILO NTI COURRAGE MUKUNGA UBUMWE.TURABAKENEYE INO IGITEGA.
17 Ntwarante 2015, 15:19, par NDAYIKENGURUTSE Salomon
NI VYIZA
24 Rusama 2015, 10:28, par sosthene
fizzo azoguma arimukuru mubaririmvi
14 Rusama 2016, 06:29, par eliowizjux
ndashimi.lolilo.shakandirimbonafizzo
6 Myandagaro 2016, 11:55, par ntakirutimana cyriaque
dihibawe cane kuriyikuru iconacaka intiribo yayoya ivaga modopasi
8 Gitugutu 2016, 11:18, par Aboubakhal
Lolilo na fizzo boja hamwe nkakera uburundi bwoteye imbere mumuziki kurusha. I wish they could combine, work to gather as it was before 👌👌👌 from 61
12 Munyonyo 2016, 22:10, par Bidi_kay
Fizzo Azo Guma Ari Imbere Mumuziki Ahubwo Lolilo Nahebe Kumwipimako Namwegere Baje Hamwe Bumvikane Ataruko Ntaziger Aja Hamwe Na Fizzo Kumu Ziki.
1er Rusama 2017, 23:05, par bamvuginyumvira aniceti.
NASHA KUBWIRA lolilo.AREKE GUTERA INTUGUTA FIZO’KUKO FIZO NUWAKERA KUMUZI’PE.BACA UMUGANI NGO NTAHO UMWANA ANGANA NASE.FIZO NUWAKERA KUMUZIKI"lolilo nawe numwana wahirya yejo’NN ASHAKA KWIGERERANYA NASE?UMUNTU ARIMUGUSHIRA DIAMOND’NAREKE?NTAZAMARAMARIRE MWIRIGARA"MURAKOZE: