Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abatwaye ikibanza ca 3 na 4 ku rwego rw’igihugu muri Primusic basubiye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > PRIMUSIC > Abatwaye ikibanza ca 3 na 4 ku rwego rw’igihugu muri Primusic basubiye (...)

Abatwaye ikibanza ca 3 na 4 ku rwego rw’igihugu muri Primusic basubiye gutorwa muri Mairie

vendredi 25 Mukakaro 2014

Abaririmvyi bagera ku 330 bari biyandikishije mu gisagara ca Bujumbura mw’ihiganwa Primusic ntibagarutse imbere y’abatanga amanota, hashoboye kuboneka abaririmvyi 121. Muri abo, 20 bazohiganwa mu giteramo baratowe, ibiteramo navyo birabandanya no mu zindi ntara zisigaye.

Abaririmvyi 20 batowe muri 121 bazohiganirwa kuja muri 14 bazoserukira Bujumbura Mairie baratowe, umurwi utanga amanota wabatoye inyuma yo kwumviriza igice cari casigaye kubari bitavye ku munsi wa gatatu igenekerezo rya 23 Mukakaro. Igiteramo co gutora abaririmvyi 14 bazoserukira Bujumbura Mairie gitegekanijwe kuba aho bukera kw’igenekerezo rya 26 ku kibuga co mu Kinama. Muri abo batowe muri Mairie harimwo umuririmvyi Plata Platini, Christian Ninteretse yatwaye ikibanza ca gatatu mu mwaka w’2013, hamwe na Hamissi El Pedro yatwaye ikibanza ca kane muri uwo mwaka nyene

JPEG - 53.2 ko
Abatowe muri Bujumbura Mairie

Kuri uyu wa gatanu, ihiganwa Primusic rifise igiteramo kiza gutorwamwo abaririmvyi bazoserukira intara ya Bujumbura bita "Bujumbura Rural", ikindi giteramo nk’ico kizoba mu ntara ya Bubanza ku munsi w’Imana igenekerezo rya 27 Mukakaro.

Igice ca kane c’amahiganwa Primusic kizobera mu ntara ya Kirundo kw’igenekerezo rya 02 Myandagaro, abaririmvyi bose batowe mu ntara bazohiganwa, haheze hasigare abazobandanya mu gice ca kabiri gishira ica nyuma kizobera mu ntara ya Gitega.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.