Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibiteramo vya Ikoh Multiservice bizohuriramwo ibihangange mu muziki (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > Ibiteramo vya Ikoh Multiservice bizohuriramwo ibihangange mu muziki (...)

Ibiteramo vya Ikoh Multiservice bizohuriramwo ibihangange mu muziki w’Uburundi

vendredi 28 Munyonyo 2014

Abaririmvyi bazoremesha ibiteramo biriko bitegurwa na "Ikoh Multiservice" bamenyekanye. Bamwe mu bamenyeshamakuru n’abaririmvyi bitanze kuruta abandi bazohabwa ubushimwe. Abo bose bamaze iminsi batera iteka Uburundi mu makungu bazoba bahishikiye.

JPEG - 39.8 ko
Ikoriciza Haruna arongoye Ikoh Multiservice

Isango ry’ibiteramo twari twabashikirije mu nkuru ziheruka ryarahindutse gato. Ibiteramo bibiri vyateguwe n’ikigo citaho umuziki n’abaririmvyi "Ikoh Multiservice" bitegekanijwe uku vukurikira: Kw’igenekerezo rya 19 Kigarama urutonde runini rw’ibihangange vy’abaririmvyi bazoremesha igiteramo mu kibanza ca "Alpha CD Technology" bukeye bw’aho, igiteramo mbonekarimwe kizobera ku nkengera z’ikiyaga Tanganika neza neza kuri "Club du Lac Tanganyika".

Raphael Nyandwi ajejwe gutanga amakuru muri "Ikoh Multiservice" aratubwira urutonde rukurikira rw’abaririmvyi: Kidum, Fariouz, Yoya, Mkombozi, Sat-b, Famba, Matabaro, The Cousins, Black G, Peace and Love, Franck Duniano, Natacha, Rally Jo na T-Max. Umuririmvyi mvamakungu azoba ari umutumire ni Rich Mavoko azova muri Tanzaniya. Mu giteramo co kuri Club du Lac hatumiwe gusa abaririmvyi bavuza "LIVE".

Dj Rapha abandanya atubwira ko muri ivyo biteramo hazokwerekanwa agashimwe Natacha yatsindiye muri SICA 2014, hamwe n’ugukengurukira abatimbo bo mu Burundi, abo bose kw’iteka baherutse gutera igihugu mu makungu. Hazotangwa ubushimwe butandukanye k’umuririmvyi wa mbere yakoze neza uno mwaka wa 2014, umuririmvyikazi yabiciye biracika uyu mwaka nyene hamwe n’umumenyeshamakuru w’imicokama yitanze kurusha abandi. hazokwerekanwa kandi abaririmvyi basanzwe bakora na "Ikoh Multiservice".


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.