Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abaririmvyi bazoserukira Kayanza muri "Primusic"baraye batowe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > PRIMUSIC > Abaririmvyi bazoserukira Kayanza muri "Primusic"baraye batowe

Abaririmvyi bazoserukira Kayanza muri "Primusic"baraye batowe

samedi 28 Ruheshi 2014

Intara ya Kayanza yaraye yakiriye ihiganwa rya "Primusic", abaririmvyi bazobandanya baserukira iyo ntara baraye batowe mu bari biyandikishije. Ihiganwa rirabandanya no mu ntara ya Ngozi.

Kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 27 Ruheshi, intara ya Kayanza yaratewe iteka ryo kwakira ibirori bitanguza ihiganwa rya Primusic. Amakuru duhabwa n’abamenyeshamakuru bari aho, ibirori vyuguruwe n’ijambo rya Kabirigi Christian ahagarariye "Primusic"umwaka 2014. Patient Matabaro, umuririmvyi yatsinze muri iryo higanwa umwaka w’i 2013, yaciye aja ku ruhimbi rw’abaririmvyi (Podium) maze aratera mu gahogo.

Intumbero y’uwo munsi hanini kwari kwugurura amahiganwa yo mu ntara no gutora abaririmvyi bazoserukira intara mu mahiganwa yo ku rwego rw’igihugu. Mu Kayanza hari hiyandikishije abaririmvyi 42, muri abo habanje hatorwa 10 ba mbere, ariko hagategerezwa kuvamwo babiri. Abaririmvyi batowe kuzoserukira intara ya Kayanza ni Girukwishaka Boniface batazira B Face na Irakoze Bruce.

Mwomenyako Mudibu Inzatsa yari yatowe kurongora umurwi uzotanga amanota agiye gusubirizwa kubera atashoboye kuza mu Burundi ku mvo tutaramenya. Naho biri uko Alida Baranyizigiye na Nganji Arnaud barakoze akazi kabo neza mu gutora abaririmvyi 2 ba mbere.

Ihiganwa rya "Primusic"rirabandanya mu ntara ya Ngozi


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.