Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > Abaririmvyi bazoshikirizwa inzu y’ibiteramo mu giteramo mbonekarimwe
Abaririmvyi bazoshikirizwa inzu y’ibiteramo mu giteramo mbonekarimwe
mardi 23 Nyakanga 2014
Igiteramo c’imbonekarimwe kiriko gitegurwa n’ubushikiranganji bw’urwaruka inkino n’imico kama kigiye guhuza umuziki wa kamere k’Uburundi n’umuziki wa none. Abaririmvyi bahoze mu mirwi itandukanye y’aho hambere bazoririmbana na bamwe mu baririmvyi ba none.
Mu ntumbero yo guhuza abantu mu butandukane bw’abo no kunagura umuziki wa kera no kuwushira ku rugero rw’umuziki wa none, ubushikiranganji bw’urwaruka inkino n’imico kama, bwateguye igiteramo kizohuza ibicocoro vy’umuziki wa kera n’umuziki ugezweho.
Ninteretse Elie, umuhanuzi mu buyobozi bujejwe ibiteramo no kwinezereza mu bushikiranganji bw’urwaruka inkino n’imico kama, avuga ati :"Kizoba ari igiteramo c’imbonekarimwe kuko abakurambere mu muziki bahoze mu murwi ndangakaranga nk’imurwi UMUCO WERA na N’AKARANGA bahoze baserukira Uburundi mu makungu mu myaka ya 80, bazoririmbana n’abaririmvyi ba kino gihe nka Rally Jo, umurwi Cat Sound, Silas Damara n’abandi, ivyo navyo akaba ari ibintu bitari bimenyerewe".
Ibicurarangisho ndangakaranga nk’inanga, amakembe, imiduri bizovuzwa n’abahinga bahoze mu murwi N’AKARANGA abo ni Mathias, Sylvestre, Torobeka n’abandi bakora muri kino gihe mu bushikiranganji. Abo bazoririmba n’umuririmvyi Rally Jo. Nk’uko Elias abivuga, Rally Jo yatowe mu bandi kubera ariwe yatwaye Primusic ya mbere yo mu mwaka w’ 2012.
Ninteretse Elie arongera ati : " Ikindi gishasha n’uko inzu ndangakaranga "Palais des Arts" yahora iberamwo ihayanishwa ry’ibidandazwa ariyo izoberamwo ico giteramo izoba yugururiwe abaririmvyi bazoba bipfuza kuhagirira ibiteramo".
Naho iyo nzu itagira ibikoresho vy’umuziki, ubushikiranganji bugiye kurondera ivyo bikoresho kugira abaririmvyi bazobisangeyo, eka n’abashaka kwimenyereza baronke aho babikorera. Iyo nzu yugururiwe abaririmvyi izorihishwa bivanye n’ivyo ubushiranganji buzokwumvika n’ishirahamwe ry’abaririmvyi (Amical des Musiciens)
Ico giteramo kizoba kuri uwo wa gatanu igenekerezo rya 26 Nyakanga mu kigo ndangakaranga "Palais des Arts" guhera isaha icenda z’umuhingamo (15h00). Kwinjira ni ku buntu. Abatumire batari bake, haba ku ruhande rw’abaririmvyi, ku ruhande rw’ubushikiranganji eka no ku rwego rw’igihugu bazoza gushigikira ico gikorwa kizokwama kiba uko umwaka utashe.
Cherif Nkeshimana