Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abaririmvyi bo mu gisagara ca Bujumbura bazoja kumara inyota abo mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > Abaririmvyi bo mu gisagara ca Bujumbura bazoja kumara inyota abo mu (...)

Abaririmvyi bo mu gisagara ca Bujumbura bazoja kumara inyota abo mu Rutana

mardi 15 Mukakaro 2014

Abakunzi b’umuziki w’Uburundi bo mu ntara z’umanuko baherutse gutera akamo bamwe mu baririmvyi bo mu gisagara ca Bujumbura kugira baje kubateramisha. Abakunzi b’abaririmvyi D Kocha, Jay Fire, Baby Chou, na Brother K barabashikiriye vuba aho iwanyu.

Umuririmvyi D Kocha

Akamo katewe n’abakunzi b’umuziki bo mu ntara ya Rutana karumviswe. Igiteramo cagakura kizokorwa n’abaririmvyi bo mu gisagara ca Bujumbura mu bibanza bibiri bitandukanye vyo mu ntara ya Rutana. D Kocha yavuganye n’ikinyamakuru musoma kuri www.IGIHE.bi, avugako we na bagenzi we bazoja mu Rutana kuko abakunzi babo bo mu ntara babibasavye. Bazokora ibiteramo bibiri kugira bagerageze guheze inyota y’umuziki abakunzi babo bo mu Rutana.

Abaririmvyi D Kocha, Jay Fire, Brother K, Baby Chou na Mkombozine buca baja mu Rutana. Igiteramo ca mbere kizoba kw’igenekerezo rya 18 Mukakaro ku Muco Bar igihe c’isaha umunani z’umuhingamo, ikindi kizoba bukeye kw’igenekerezo rya 19 Mukakaro ahitwa ku rya Makamba Hotel isaha umunani nyene, Kwinjira n’amafaranga 1000fr.

D Kocha abwira abo mu Rutana gusidukana n’inzoya kuko abafitiye akaganuke na bo bamana i Bujumbura batari bwaronke, asaba kandi imbabazi Mkombozine kubera abakoze igicapo ndangagiteramo bamusimvye kandi ari mu bazoteramisha abantu.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.