Accueil > Kwidagadura > PRIMUSIC > Abaririmvyi bo mu gisagara ca Bujumbura bogaba muri Primusic
Abaririmvyi bo mu gisagara ca Bujumbura bogaba muri Primusic
mercredi 9 Mukakaro 2014
Inyuma y’indwi zibiri hariko hakoreshwa amahiganwa y’abaririmvyi biyandikishije mw’ihignwa rya Primusic, Alida ari mu murwi w’abatanga amanota ku baririmvyi, arashima intambwe igikorwa kigezeko, arashima kandi n’urwego abaririmvyi b’uno mwaka bagezeko.
- Ibubamfu uja ub’i buryo, Alida Baranyizigiye, Mugisha Amir na Nganji Anaud
Alida Baranyizigiye ni umwe muri batatu bariko batanga amanota ku baririmvyi bahiganwa muri Primusic, inyuma y’indwi zibiri amahiganwa ariko abera mu ntara z’uburaruko n’ubuseruko bushira uburaruko bw’Uburundi. Alida Baranyizigiye amenyesha ko hari akarusho agereranije no mu mwaka uheze, akaba asigura avuga ko hari abaririmvyi bitavye amahiganwa mu mwaka uheze ariko batashoboye gushika mu kibanza ca mbere canke ca kabiri ariko uno mwaka bashoboye kuronka ikibanza ciza. Ivyo vyose biva ku mpanuro abo batanga amanota baha abaririmvyi mu gihe babumviriza.
Ikindi Alida yabwiye ikinyamakuru IGIHE, n’uko n’abaririmvyi bashasha bashoboye cane kuruta abo mu mwaka uheze. Aha asa n’uwurya akara abaririmvyi bo mu gisagara ca Bujumbura kuko abo mu ntara zo hagati mu gihugu baje bazikenyeye.

Tubibutse ko uwuzotwara Primusic y’uno mwaka azoronswa ibahasha y’imiriyoni 20 z’amarundi. Babiri ba mbere mu ntara zose batahukana ibahasha y’ibihumbi 100.
Cherif Nkeshimana