Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abaririmvyi ba "Gospel" hamwe naba Pasitori bagiye kuja mu mwiherero - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Abaririmvyi ba "Gospel" hamwe naba Pasitori bagiye kuja mu mwiherero

Abaririmvyi ba "Gospel" hamwe naba Pasitori bagiye kuja mu mwiherero

mardi 2 Kigarama 2014

Abaririmvyi bose b’indirimbo mpimbazamana bagiye gufata umwanya wo kwigira hamwe ivyoteza imbere umwuga wabo. Eka n’abakuru b’amashengero yabo "Pasteurs" bazoba bari kumwe kugira bafate n’umwanya wo gutahurana no kumenyana".

JPEG - 77.4 ko
John Habimana ajejwe gutanga amakuru muri "Union Singers in Developmet"

Mu kigo GETSEMANE CENTER kiri mu Ruziba kuva kw’igenekerezo rya 18 gushika kuri 20 Kigarama hazokoranira abaririmvyi bose baririmba indirimbo mpimbazamana. Ico gikorwa categuwe n’urunani Union Singers in Development" ifadikanije na USD Media Technologies" mu ntumbero yo kwiga ivyofasha iterambere ry’umuziki wa "Gospel" hamwe no kumenyana. Bimwe mu bizokwigwa harimwo uko bandika indirimbo zabo, uko baziririmba, bazokwiga kandi n’ibijanye n’uko bazotegura n’iyindi migambi.

John Habonimana ajejwe gutanga amakuru muri "Union Singers in Develpment" ati :"Turavye ukuntu abaririmvyi badatera imbere ugasanga bafise ibibazo bitari bike, ahanini ugasanga naba Pasitori babo ntibahuza, kandi ntibabafasha ukuntu botera imbere, hakaba hatumiwe naba pasitori babo muri uwo mwiherero, kugira baze bagire umwanya wo kuyaga nabo kandi bashobore no kwishura ku bibazo bimwe bimwe abaririmvyi usanga bafise! Urunani Union Singers rumaze igihe ruriko rurigisha abaririmvyi bo mu mashengero atandukanye baba ab’i Bujumbura ndetse nabo mu ntara za ruguru, hari ibibazo bitari bike bagiye basanga be nabo baririmvyi bafise nico gituma baciye bafata umugambi wo kubashira hamwe mu karuhuko kugira bigishwe, ndetse bongere bamenyane. Kakaba ari n’akaryo keza ko gushobora kumenyekanisha n’ivyo bamaze kurangura."

Abo baririmvyi bazogenda bitwaje amahera ibihumbi cumi na bitanu vy’amarundi (15000frbu), ibisigaye bizokorwa n’urunani Union Singers in Development" ifadikanije na USD Media Technologies". Bamwe mu baririmvyi bazwi cane nka Appolinaire HABONIMANA azoba ari mu batanga inyigisho.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.