Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abaririmvyi n’indirimbo 20 ziri mw’ihiganwa rya ISANGANIRO Awards - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Abaririmvyi n’indirimbo 20 ziri mw’ihiganwa rya ISANGANIRO Awards

Abaririmvyi n’indirimbo 20 ziri mw’ihiganwa rya ISANGANIRO Awards

mardi 17 Ntwarante 2015

Ihiganwa ry’Isanganiro Awards ku ncuro ya 5 riramaze gushira ahabona urutonde rw’indirimbo 20 ziri mw’ihiganwa. Muri zo hatorwamwo 10 za mbere ari nazo zitorwamwo ururirimbo rwa mbere ruharirwa umwaka kuri Radio Isanganiro.

Mu rutonde rwo mu mwaka w’i 2014 harimwo abakobwa babiri(Samantha na Annick MURUNDIKAZI), ihiganwa ry’uno mwaka w’2015 ririmwo abakobwa batatu( Ashley, Natacha na Emelance Emy). Muri urwo rutonde nyene abaririmvyi 4 bagarutse mw’ihiganwa: Gerard, Spok’s, Yves Kolly na Prophet’s Voice

Ng’izi indirimbo 20 n’abazirimvye:

1. Ukuri n’ijambo by Juvenal NDAYISENGA
2. Intahe by Christian NIMBONA
3. Uburundi ni igihugu s’ikibuga by Big Zoe
4. Urwaruka turashoboye by Yves KAMI
5. Burundi by Spoks Man
6. Twubake igihugu by Gerard NZOYISABA
7. Burundi yetu by Emy Emelance
8. Iyataba wewe by John BAMBONEYEHO
9. Africa by Ashley
10. Akana by GN EQ
11. Devide and empera by big zoe ft GN
12. Hora by Landry
13. Fasha abatishoye by Parfait
14. Uburundi bwacu by Natacha
15. Ntawuhora Kungoma by Prophet Voice
16. Shikama by Christian NIMBONA
17. Kanura by Pm & Emery
18. Hafi yanje by Yves Kolly
19. Ubwami bwawe burarangiye by Leonard NIYOMWUNGERE
20. Amahoro by Mt Number one.

Inyuma y’indwi imwe, hazotorwa 10 za mbere. Izo 10 zizoca zimara ukwezi kwose mw’ihiganwa, hanyuma haotorwemwo uririmbo rwa mbere nk’uko tubimenyeshwa n’amakuru ava mw’ISANGANIRO.

Tubibutse ko incuro ya 4 y’Isanganiro Awards yatsindiye umuririmvyi N John atari bwamenyekane cane ico gihe. Abandi ni bamaze kuyitsindira ni Rally Jo, Yoya, Mkombozi..


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.