Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abaririmvyi Yvan Muzik na Uncle Austin ntibacana uwaka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Abaririmvyi Yvan Muzik na Uncle Austin ntibacana uwaka

Abaririmvyi Yvan Muzik na Uncle Austin ntibacana uwaka

vendredi 11 Nzero 2013

Hagati y’umwanditsi akaba n’umuririmvyi w’umurundi Yvan Muzik n’umuririmvyi akongera akaba umumenyeshamakuru Uncle Austin w’umunyarwanda hari ukutumvikana inyuma yaho Austin asohoreye indirimbo irimwo igitero co mu ndirimbo ya Yvan.

Yvan Muzik na Uncle Austin baheruka gusohora indirimbo baririmbanye bakaba bayisohoreye mu gihugu c’u Rwanda ikaba ari indirimbo nziza n’aho itaramenyekana cane.Ariko rero inyuma y’iminsi mike umuririmvyi Uncle Austin yaciye asohora indirimbo yaririmbanye na Bruce Melodie umuririmvyi w’umunyarwanda nawe nyene aho basubiyemwo igitero caririmbwe na Yvan kandi bakagisubiramwo atanakimwe bahinduye .Ivyo rero akaba ari amakosa kuko biyitiriye igikorwa c’abandi.

JPEG - 25.1 ko

Umuhinyanyuzi yabakoreye indirimbo akaba yemeza ko ari umuririmvyi Uncle Austin yashatse ko abikora gutyo. Ivyo rero bikaba vyarababaje cane umuririmvyi Yvan benshi bazi mu ndirimbo yiwe« Ururabo»,akaba asaba ko iyo ndirimbo yokurwa kw’isoko ikareka kugurwa..

JPEG - 43.2 ko

Amakuru yo kwizera kandi amenyesha yuko umuririmvyi Yvan yoba ategekanya kuja mu Rwanda kugira akurikiranire ico kibazo hagufi.


Marie Claire Ingabire

Messages

  • sasa ibi murwanda babyita kwikina ubu se koko yvan ugirango ntitukuzi kweri?urabeshya ukibeshera bigeze aha?genda ntukabeshere umuntu wagufashije ukamwambura,kuki se mwebwe mutabajije uncle ostini icyo abivugaho?ntimukabeshye

  • YVAN komerakumwugawawe.nivyiza.ark ujejwevyinsh .ubwokoharaband ,bashoboye.ntawewurazakugusabakoyogufash? uririmba.nukumyeshamakuru. rabugenziwokund,mufashanye.

  • YVAN haricontaramenyaneza.kugiribnt bibe ,agakura ,mwokwemerumutuyosabakomumufasha kugira .mariage iterimbere mubigezweho.ariko kugicirociza .mukacamungirumugenzi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.