Accueil > Amakuru > u Burundi > Abarongoye ibimenyeshamakuru vya Leta barahinduwe
Abarongoye ibimenyeshamakuru vya Leta barahinduwe
lundi 16 Nyakanga 2013
Kuva ku munsi wa gatanu, insamirizi n’imboneshakure vy’igihugu, itororokanirizo ry’amakuru (ABP : Agence Burundaise de Presse), ikinyamakuru candika mu rurimi rw’ikirundi "Ubumwe" hamwe na PPB (Publications de Presse Burundaise) vyose biramutswa abarongozi bashasha, inyuma y’itegeko ry’umukuru w’igihugu rigena abandi bayobozi b’iryo tangazamakuru ryegukira Leta. Icatumye haba iryo hindagurika gushika ubu ntikiramenyekana.
Insamirizi n’imboneshakure vy’igihugu (RTNB) birongowe na Thaddée Siryuyumunsi. Uwahora ari umurongozi wavyo, Chanel Sabimbona yafashe ikibanza Thaddée Siryuyumunsi yahoramwo c’ubuyobozi bukuru bwa PPB, ari nayo ihurikiyemwo ikinyamakuru "Le Renouveau" n’ikinyamakuru "UBUMWE"
- Thaddé Siryuyumunsi yahawe uburongozi bwa RTNB ( Radio Télévision Nationale du Burundi)
Uwahora ri umuyobozi w’itororokanirizo ry’amakuru ABP, Pascaline Biduda, ubu atwara ikinyamakuru "Le Renouveau" Yasubiriwe na Jean Paul Ciza. Pacifique Nkeshimana yahora ari umuyobozi w’ikinyamakuru "UBUMWE" yasubiriwe na Donatien Sabiyumva.
- Pacifique Nkeshimana yahora arongoye ikinyamakuru "UBUMWE"
Ababikurikiranira hafi bamenyesha ko izo mpinduka zoba ziri mu ntumbero yo kwitegurira amatora yo mu mwaka w’2015, mu gihe bisanzwe bizwi ko uruhara rw’ibimenyeshamakuru ari ntangere.
Egide Nduwimana
Messages
17 Nyakanga 2013, 03:47, par mutabazi
twari tuvyitez ntagitangaj kirimwo
2 Gitugutu 2016, 21:38, par Minani Bosco
Ego Nivyo Ko Bahindugwa
2 Gitugutu 2016, 21:39, par Minani Bosco
Ego Nivyo Ko Bahindugwa