Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Abaronkejwe impapuro n’ishuri ry’umuziki ntibagiye kuzicarika
Abaronkejwe impapuro n’ishuri ry’umuziki ntibagiye kuzicarika
mardi 26 Myandagaro 2014
Ikigo c’Abafaransa c’i Gitega (Alliance Francaise de Gitega) gifadikanije n’ishuri y’Umuziki yo muri iyo ntara nyene (Institut de Musicologie de Gitega) baratanze impapuro ndangabikorwa ku rwaruka rwahawe inyigisho zijanye n’uko umuziki wandikwa ukaririmbwa. Umugambi watanguriye i Gitega ugiye gukwizwa mu ntara zose z’Uburundi.
Urwaruka rugera kuri 22 rw’i Gitega rwararonkejwe inyigisho zijanye n’amategeko y’uko umuziki wandikwa n’uko ururirimbwa kuva kw’igenekerezo rya 07 Mukakaro gushika 23 Myandagaro. Ivyigwa vyatanzwe n’umuririmvyi w’umukurambere Musenyeri Justin Baransananikiye ari nawe arongoye ico kigo. Uwurongoye ikigo c’Abafaransa muri iyo ntara ari nabo bafashije iyugururwa ry’iyo shuri, arashima umugambi mwiza wo gusubiza akanovera umuziki w’Uburundi usa n’uwatitutse.
Abaronkejwe izo mpapuro nabonyene bemeza ko batagiye kwicarika mu nzu ubwo bumenyi, ahubwo bagiye kubandanya basoromerako ubundi bumenyi maze haboneka abaririmvyi bashusha nk’abahahoze aho hambere hahise.
Umuririmvyi Musenyeri Justin Baransananikiye arongoye Institut de Musicologie de Gitega, wewe yaciye atanguza umugambi wo kwigisha abazokwigisha abandi mu ntara zose, ivyigwa vy’ubuhinga bw’umuziki hamwe n’ubumenyi. Bizomara umwaka umwe. Avuga kandi ko atawuzokwigisha mur’ayo mashure atahawe izo nyigisho, zizotangirwa na zo nyene urupapuro rw’umutsindo, zikaba zizokwugururwa icese itariki 22 Nyakanga 2014, mu Kigo ALLIANCE FRANCO-BURUNDAISE i Gitega.
Mwomenya ko ibirori vyo gutanga izo mpapuro vyabereye mu kigo c’abafaransa i Gitega aho abashitsi batari bake bari bavyitavye.
Cherif Nkeshimana
Messages
26 Myandagaro 2014, 19:27, par Mgr. Justin BARANSANANIKIYE
Abo bahejeje kuronswa izo impapuro z umutsindo ni Urwaruka rw i Gitega basanzwe ari abaririmvyi n abacuraranzi bagitangura uwo mwuga. Nk uko twari twarabibemereye, tugiye kubandanya dukorana na bo kugira mu kwezi kw icumi na rimwe uno mwaka, tuzobafashe gusohora ALBUM y indirimbo nshasha z ikirundi zihinguye neza.
Ubu na ho, kuva itariki 22 z ukwezi kw icenda buca gutangura, INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA izotanguza inyigisho z ubuhinga bw umuziki mu buryo butatu :
UBWA MBERE : Harateguwe Ivyigwa, FORMATION, vyo ku rwego rwo hejuru mu buhinga bw Umuziki hamwe n ubumenyi bwo kuvyigisha, tugiye guha abazoba abigisha mu yandi mashure y umuziki tuzoshinga mu Ntara zitandukanye z Uburundi mu mwaka uza. Ivyo vyigwa bizomara umwaka umwe. Abo turiko turakira ni abahejeje amashure yisumbuye, Humanites generales, canke amashure Nderabigisha, Ecole Normale na Lycee Pedagogique, canke Ecole Technique. Hakenewe abashika amajana abiri, 200. Abavyifuza bategerezwa gutanga dossiers zabo bitarenze itariki zitanu 5 z ukwezi kw icenda, bakazoca bakora ikibazo itariki 10 z ukwezi kw icenda nyene. Bahejeje iyo Formation bazohabwa DIPLOME DE MAITRE DE SOLFEGE bace batumwa kwigisha muri ayo mashure mashasha y umuziki mu Ntara bavukamwo. Ukwiyandikisha ni amafranga ibihumbi cumi 10.000 FBU. Ay ishure ni ibihumbi mirongwine, 40.000 FBU, ku gice kimwe kimwe c umwaka w ishure.
Hari ababajije ko n uwize Kaminuza ashobora kwiyandikisha muri ibi Vyigwa. EGOME, twobakira kuko na bo baharurwa ko bahejeje amashure yisumbuye. Iyi diplome dutanga ni ya SPECIALISATION MU KWIGISHA UMUZIKI. Abandi batubwira ko bizimvye, twobamenyesha ko iri ari Ishure ryigenga kandi ryigendako. Nta mfashanyo n imwe ya Leta rifise. Ni ryo ryihembera abigisha rizokoresha, rikigurira n ibikoresho n ibitabo.
UBWA KABIRI : Ku bahejeje umwaka w icumi, 10eme canke bawurenza, ariko batakwije amashure yisumbuye yose, bazokwiga mu gisata cagutse c imyaka itatu, 3, gitanga ubumenyi mu muziki mu nzego zawo zose. Nibaheza bazohabwa urupapuro rwitwa DIPLOME D INSTRUCTEUR EN MUSIQUE, bakazoshobora na bo nyene kuba abigisha b umuziki mu mashure, canke bagashinga imirwi yabo yo kuririmba no gucuraranga, bakandika ibitabo vy umuziki, kuko bazoba baronse ubumenyi bukwiye bwo guhingura no guhinyanyura indirimbo, no kuvuza ibicurarangisho bitandukanye. Na bo nyene bategerezwa gutanga dossiers zabo bitarenze itariki 5 z ukwezi kw icenda. Abo nta kibazo co kwinjira bazorinda gukora. Kwiyandikisha ni amafranga ibihumbi cui, 10.000 FBU, ay ishure ni ibihumbi mirongwine ku gice kimwe kimwe c umwaka w ishure.
UBWA GATATU : Abandi baririmvyi n abacuraranzi basanzwe bakora uwo mwuga, bazobandanya kunagurwa mu buhinga bw umuziki imisi ibiribiri mu ndwi nk uko vyahora.
UMUGIRANEZA WESE YIFUZA GUTERERA NO GUSHIGIKIRA INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA MURI IBI BIKORWA YISHINZE, ARAHAWE IKAZE. Ufise ico yifuza kubaza yodutelefona kuri 79 877 097 canke kuri 77 758 123. Adresse Email ni : jbaransananikiye@yahoo.fr
26 Myandagaro 2014, 23:37, par joel baransananikiye
turashimye rino shure rije hageze
27 Myandagaro 2014, 09:27, par Longin NDAYIKENGURUKIYE
Ikigo Alliance Franco-Burundaise de Gitega gishigikira iterambere ry’abahinga mu muziki mu kubaronsa inyigisho nkuko abarongoye ico kigo bari baravyemeye ku musi mukuru w’umuziki wabaye igenekerezo rya 21 ruheshi 2014 kuri ico kigo Alliance Franco-Burundaise aho abaririmvyi n’abacuraranzi 165 n’abantu isinzi bari bahuriye ngo bigine uwo musi mukuru. Alliance Franco-Burundaise yifurije abanyamuziki kubandanya baza gukwirikirana izo nyigisho muri ico kigo bafashijwe na Institut de Musicologie maze umuzi ube akazi kobabesha ho kuruta uko biri ubu.
Faites de la musique, fête de la musique.