Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abarundi baba hanze bagiye guteza imbere igihugu cabo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Abarundi baba hanze bagiye guteza imbere igihugu cabo

Abarundi baba hanze bagiye guteza imbere igihugu cabo

jeudi 29 Munyonyo 2012

Abarundi baba mu mahanga bahurikiye mw’ishirahamwe« Action Internatinal de Diaspora Burundaise» (AIDB) bavuga ko ishirahamwe ryabo rizotanguza mu mwaka w’2013 umugambi wiswe "Trois Euros, Trois Dollarsˮ mu ntumbero yo guteza imbere igihugu biciye mu mfashanyo zitangwa nabo barundi nkuko vyamenyeshejwe na Serge Ngendakumana umuhinga mpuzamakungu aba mu u Bubirigi akaba n’umunyamabanga mukuru wa AIDB

Ivyo akaba yabimenyesheje igihe yariko arashira ahabona icegeranyo c’inama mpuzamakungu iraba ivyo urudandazwa n’iterambere (CNUCED) ku bihugu bitaratera imbere(PMA), cari gishingiye ku kuntu bokoresha izo nfashanyo n’ubushobozi bw’abarundi baba mu mahanga mu guteza imbere ubutunzi.

Nkuko umushingantahe Ngendakumana yabisiguye, umugambi ˮ Trois Euros, Trois Dollars" ni umuhuza kuko ushikira abarundi bose baba mu mahanga bamaze kuja mu mashirahamwe bakaba bashika ibice bitandatu kw’ijana vy’abarundi bose hamwe. Ayo mashirahamwe akaba afise umugambi wo guhimiriza abarundi baba mu mahanga gukunda igihugu babicishije mu gutanga nimiburiburi amadolari atatu canke ama Euro atatu ku kwezi ategekanijwe mu migambi y’iterambere.

Kubwa Dr Eric Ngendahayo, yahoze aba hanze y’igihugu, uwo mugambi wotegerejwe guherekezwa n’utwigoro n’ibikorwa vya reta kugira bitange ishusho nziza y’igihugu na cane cane mu guteza imbere ibijanye n’ingenzi, mu gufata ingingo zorohereza abarungika amafaranga, kurwanya igiturire, kworohereza abarundi baba mu mahanga iyo baje gufasha hamwe no gukomeza ibijanye n’ubutungane mu ntumbero yo kwubaha amasezerano aba ari hagati yabo n’ababa mu gihugu.

Xavier Manchon atwara igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu riraba ivy’ iterambere PNUD mu Burundi yarateye akamo urwego rw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kugira ruze gushigikira ubushikiranganji bw’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi ku bijanye no kworohereza incabwenge z’abarundi ziba i Buraya kugira zize gutanga ivyirwa muri kaminuza y’u Burundi mu bisata bitamenyerewe aha mu Burundi.

Manchon yamenyesheje kandi ko infashanyo zirungikwa n’abarundi baba mu makungu zongerekanye gushika ku ncuro zibiri ku yava hanze hagati y’umwaka wa 2008 na 2010.
Yaramenyesheje ko u Burundi buri mu bihugu 33 bitaratera imbere muri Afirika, aho amafaranga arungikwa n,ababa hanze y’igihugu yiyongereye hagati y’umwaka wa 2002 n’umwaka w’2011 gushika ku bice amajana ane kw’ijana.


Mugisha V.

Messages

  • iryo shirahamwe aha i pretoria ntituzi aho rikorera canke abariserukira ndece na compte ya banki inomero. turavyifuza cane kuko arumugambi mwiza. tumenyeshe uko bigenda tuwushigikire. phone yanje 27 83505 3098 mura koze.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.