Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abarundi baba mu mahanga mw’iterambere ry’igihugu cabavyaye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Diaspora > Abarundi baba mu mahanga mw’iterambere ry’igihugu cabavyaye

Abarundi baba mu mahanga mw’iterambere ry’igihugu cabavyaye

mercredi 12 Ruheshi 2013

Abarundi baba mu mahanga bariteguriye guterera mw’iterambere ry’Uburundi ariko bagasaba ko hoba amategeko abakingira. Ivyo babishikirije mu gihe himirije inama mpuzamakungu y’abarundi baba mu mahanga izobera i Oslo mu gihugu ca Norvège.

Nk’uko bivugwa n’umukuru w’inama nshingwantwaro y’abarundi baba mu mahanga, Anselme Bankambona, abarundi baba mu mahanga barafise imigambi yo kugaruka mu Burundi mu ntumbero yo guteza imbere igihugu cabo. Amenyesha ko hakenewe amategeko agenga abarundi baba hanze. Ayo mategeko ngo niyo yoheza agakingira abo barundi bazanye imitahe yabo mu Burundi.

Uwo arongoye inama nshingwantwaro y’abarundi baba mu mahanga akamenyesha ko abarundi baba mu mahanga bafise inama mpuzamakungu yabo igira kane izobera i Oslo mu gihugu ca Norvège. Muri iyo nama, bazoshiraho umurwi uzokorana n’abandi mu ntumbero yo guterera ivyiyumviro mu bibera mu gihugu c’Uburundi nk’uko aheraheza amenyesha Anselme Bankambona. Iyo nama itegekanijwe kuva kuwa 20 Ruheshi kushika kuwa 22 Ruheshi 2013 ikaba ifise icivugo "BURUNDI READY FOR BUSINESS.

Hakaba hatumiwemwo abarundi baba mu mahanga, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike, abari mu Leta ya Bujumbura, abamenyeshamakuru n’abafasha Uburundi mw’iterambere. Tukaba twobamenyesha ko inama iheruka yabereye i Bujumbura mu mwaka uheze.


Patrick Wasso

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.