Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Abarundi baba mu Rwanda basabwa kugira ibibaranga
Abarundi baba mu Rwanda basabwa kugira ibibaranga
vendredi 4 Ndamukiza 2014
Ikibazo c’abarundi baba mu gihugu c’Urwanda bidakurikije amategeko, nico cahuje abashikiranganji babiri bajejwe intwaro yo hagati mu gihugu c’Urwanda n’Uburundi.
Muri uyo mubonano wabereye i Nyamata mu karere ka Bugesera, Edouard Nduwimana na Musore James umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu c’Urwanda, bakaba bavuganye cane ku bijanye n’abarundi baherutse guhagarikwa i Nyamata, mu gihe bari babaye mu Rwanda bidakurikijwe amategeko. Iyo nama rero ikaba yaje ikurikira iyari yabereye mu gihugu c’Urwanda, iyo nayo igahuza abahinga co kimwe na baburamatari b’intara za Muyinga, Kirundo, Ngozi, Kayanza na Cibitoke co kimwe n’intara zo mu Buseruko n’Ubumanuko bw’Urwanda.
Muri iyo nama rero, hakaba hasabwe abanyagihugu bose bipfuza kuba mu gihugu ico ari co cose muri ivyo bibiri, kuba bafise ibibaranga, mu ntumbero yo gukurikiza amategeko y’igihugu umuntu ashaka kubamwo. Abo bategetsi ukwo ari babiri, bakaba baranavuganye ku bijanye n’imigenderanire myiza no gufashanya hagati y’Uburundi n’Urwanda.
Aristide Nizigire
Messages
4 Ndamukiza 2014, 22:14, par munderere
aaaaaaaaaaa :kagame nubihe iyindi ntumbero. kuko ntamunyarwanda arakubitirwa ngaha muburundi ko utaja kwandika (kubarura)abari muri tanzania kandi aribo banatunze inka nyinshi cane ahaaaaaaaaaa nzoba ndumva ivyawe
8 Ndamukiza 2014, 08:55, par kareg
None ibyo uvuga ubikuye he Murundi muvandimwe? Ikibazo kiri he mu byakozwe? Kagame umusomye he? Ahaaa, tujye twitondera urwango tugirira abandi hari ubwo aritwe rukoraho