Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > Ottawa : Abarundi baremesheje igiteramo co kugarukira ku barokotse mu mvura (...)
Ottawa : Abarundi baremesheje igiteramo co kugarukira ku barokotse mu mvura y’isegenya
mardi 1er Ndamukiza 2014
Abarundi baba mu gihugu ca Canada baherutse gukora igiteramo cari gihuriyemwo abaririmvyi, imirwi ndangakaranga, abatimbo, imirwi y’abaririmvyi mpimbazamana, n’abandi batandukanye. Intumbero y’ico giteramo yari iyo kwegeranya amahera yo gufasha abacitse kw’icumu mu mvura y’isegenya yahitanye abantu n’ibintu mu Gatunguru.
Nk’uko umutwe w’igiteramo wanditse "Solidalité avec les Sinistrés du Burundi" (bisigura "Ubumwe n’Abarundi bahuye n’ivyago", imirwi itandukanye y’abaririmvyi, imirwi ndangakaranga, abatimbo, imirwi y’abaririmvyi mpimbazamana, aho ni nka Africa Nova, Kijanya, umurwi ndangakaranga Ishaka, abatimbo Remesha Drums, umurwi Murya, Chadia, Fraternité Jeunesse Lumière, n’abandi, bose bari bitavye akamo ko guteramisha abantu isinzi.
Ico giteramo cari categuwe n’ishirahamwe ry’Abarundi baba muri Canada i Ottawa-Gatineau. Kuva rero isegenya rihitanye abantu n’ibintu mu Gatunguru, Abarundi baba muri Canada bagumye begeranya uburyo bwo gufasha abarokotse. Inomero y’isandugu amahera yashikirako yari 00006-003-1046374. Ico giteramo rero cari categuwe mu ntumbero yo kubandanya begeranya ubwo buryo, bikavugwa ko buzoca mw’ishirahamwe ritabara imbabare Croix-Rouge izoheza ikabushikiriza ababigenewe.
Kuri uwo wa gatandatu uheze niho ico giteramo cabera ahitwa Saint-Frere André (Paroisse Marie Médiatrice).
Mwomenya ko ishirahamwe ry’Abarundi baba i Ottawa-Gatineau rirongowe na Bucumi Verdiane.
Amwe mu masanamu y’igiteramo
Chérif Nkeshimana
Messages
1er Ndamukiza 2014, 11:39, par mad
bravo misuse