Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abarundi bahamagarirwa kwitaho irondoka rijanye n’amagara meza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Abarundi bahamagarirwa kwitaho irondoka rijanye n’amagara meza

Abarundi bahamagarirwa kwitaho irondoka rijanye n’amagara meza

jeudi 20 Munyonyo 2014

Mu guhagurukira ingarukambi ziterwa n’ukuvyara benshi, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwifatanije na COMIBU (Communauté musulmane du Burundi) batunganije uruganda ku ngaruka ziterwa n’irwirirana ry’abantu.

Muri urwo ruganda, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu Dionise Nizigiyimana akaba yamenyesheje ko muri rusasuma rwabaye mu mwaka w’2008 vyabonetseko abarundi bageze ku miriyoni umunani, inyuma y’aho abarundi bakaba bariyongereye bagera ku miriyoni icenda. Abandanya avuga ko abantu babandanya kurwira, mu gihe isi yo ataciyongerako.

Dionise Nizigiyimana avuga ko ingaruka ku bwinshi bw’abantu ziguma zibonekeza, haba mu gisata c’indero aho abana ari benshi rwose bigatuma n’ivyirwa bahabwa bitakigira akanovera, eka no mu bindi bisata izo ngaruka zikaba zibonekeza.

Nizigiyimana akaba asaba abarundi kwitaho uko bogabanya imvyaro, ivyo akaba yabisavye yaba abari mu muryango w’abasiramu mu Burundi ndetse n’abarundi bose muri rusangi, kugira bashobore guhangana n’izo ngaruka ziterwa n’ubwinshi bwa bantu.


Aristide Nizigire

Messages

  • USOMYE MUBITABO VY IMANA BIVUGA KO ARUKURONDOKA NONE DUZE DUHAGARIKE KUVYARA BESHE?EREGA UBAHABWA N MANA KANDI TUKOZE IVYO NTAKIGONGWE IZODUHANA

  • IRONDOKA RIJANA NAMAGARA MEZA NUKO JEWE NA WEWE TWOMENYA NEZA KO KUVYARA BAKE 1 CANKE 2 UBA WIRINZE INGORANE KUKO NIMANA IFASHA UWIFASHIJE MURAKOZE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.