IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abarundi bakwiye gukorera hamwe

Abarundi bakwiye gukorera hamwe

mardi 23 Ndamukiza 2013

Nkuko Polo Nkunzimana umwigisha muri za Kaminuza abishikiriza,ng’icegeranyo c’ishirahamwe mpuza makungu ONU mw’ishirwa mu minwe y’abikorera utwabo ishirahamwe rihingura icayi,ngo ntakindi rigamije Atari kugumiza abanyagihugu bato bato mu bukene,kuko ku bwiwe ngo mwenayo mashirahamwe mpuzamakungu usanga ashira imbere gukingira inyingu zabo.

Polo Nkunzimana abandanya abivuga ng’iyo politike yo gushira mu minwe abikorera utwabo amashirahamwe ya Leta,biri mu mategeko ibihugu biri munzira y’ugutera imbere bihabwa n’amashirahamwe mpuza makukungu, nk’ibanki y’isi,ikigega mpuzamakungu FMI,hamwe n’izindi,mu ntumbero yo kuguma bafasha ivyo bihugu, ngo ariko kenshi ivyo biherera mu nyandiko gusa.

Ico cegeranyo kivuga ko uburenganzira bw’abarimyi bato bato buzohabwa agaciro ngo kuko ntibigeze bagishwa inama mw’ishirwa mu ngiro ry’uwo mugambi.Ku bwa Polo Nkunzimana rero,ngobiraboneka ko ibanki y’isi irajwe ishinga n’uburenganzira bw’abarimyi bato bato,ariko ngo ni urwenge kuko iyo banki nyene isanzwe icuditse n’ishirahamwe mpuza makungu ONU.Kubwiwe ngo umugambi wo kurwanya ubukene ,ngo ahubwo n’uburyo bwo gutsindagira mu bukene ibihugu biri mu Bumanuko.

Polo Nkunzimana asozera avuga ko,umuti wo kuva muri izo ngorane zo gushira mu minwe y’abikorera utwabo,ko ari ukuva hasi abanyagihugu tugakorera hamwe,ngo kuko nk’ikibuga c’indege mpuzamakungu c’I Bujumbura,ubutare Nickel bw’i Musongati eka n’ibindi hari umugambi w’ukubishira mu minwe y’ababikorera utwabo.Ibihugu nka Algerie na Venezuela vyaranse izo ngingo zo gushira amashirahamwe ya Leta mu bigenga,ngo ariko u Burundi bwo ivyo ntibwobikora.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.