Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abarundi barakwiye kugabanya imanza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Abarundi barakwiye kugabanya imanza

Abarundi barakwiye kugabanya imanza

vendredi 30 Munyonyo 2012

Hari imanza zitari nke zikwiye kugabanywa kuko zitwara uburyo bwinshi ndetse burengeye uburyo abantu bafise narirya hamaze iminsi havugwa ibijanye n’ubuzima buzimvye.

Uravye imanza zitunganywa hirya no hino mu gihugu umuntu aribaza iyo uburyo bwo kuzitunganya buva. Ivyo bikunyurwa n’ingendo iri mu barundi yo kugomba guhiganwa ngo ntagize nka naka ariko ugasanga mu vy’ukuri ari ugusesagura uburyo bw’umuryango bwofashije mu kurangura iyindi migambi y’iterambere.

Mu gihe rero igihe c’ici ari igihe co gusarura umwimbu w’impeshi, biramaze kwibonekeza ko ari naco gihe hatunganywa imanza nyinshi ku buryo uwo mwimbu uba wabonetse uheza ugaherera muri ivyo vyo gutunganya imanza. Aha ndetse ntawokwibagira ko n’abadafise izo manza usanga bagerageza kurondera uburyo baziserukamwo biciye muri bimwe bita guterera ku gutinya ko nabo ejo niyo vyashika bagatunganya urubanza uru canke ruriya batazoronka abarwitaba. 

Aha ingeso yo guhiganwa ikaba ibandanya yibonekeza kuko hari n’iyindi ngendo yo kuraba abitavye urubanza rwo kwa kanaka gusumba urwo kwa naka wundi. Hari rero n’abasigaye birondeza imanza bomara kugira barabe ko abantu babitaba canke batabitaba. Mwumva none iryo higanwa hari aho rizodushikana ko twari dukwiye ariho guhiganwa mu bikorwa. Raba namwe imanza twari tumenyereye ko abantu bitaba kandi bagashigikirana kwari ugukosha be n’ubugeni kuko yari imiryango isabiramira be n’ukuva ku rupfu ku miryango yabuze abayo.

Mu gihe ca none si ivyo gusa kuko ibintu biguma bitera imbere nimba atari ukunyuka kuko imanza zitwara uburyo ziguma ziyongera aho kwongereza ubwo buryo buzotunga imiryango muri kino gihe vyibonekeza ko ubuzima butera buzimba. Aha twovuga nk’abibuka aho bavukiye, aho bahereje amashure, aho baronkeye ibatisimu n’ibindi. Ikitavuzwe co n’ibiharawe vyo kuronka impapuro z’umutsindo kandi urwo rupapuro uko ruba ruto akaba ariko ruhimbazwa gusumba. Aha mwompnyuza, muraraba barya baminuje bakaronka n’impamyabushobozi bikomeye ko mueokumva bahimbaza kandi bo bitanabagora kuronka n’akazi! Ese iyaba twapfuma twibuka aho twaronkeye akazi!
Ni ukuri ntawobuza uwubishoboye kunezerwa, ariko uguhiganwa mu gusesagura navyo birarenze!

Hari n’abasigaye bafata amadeni ngo baseruke mu rubanza uru canke ruriya ku gutinya ivyo babavugako. Muraraba neza, uwavuze ko abarundi babayeho ku buryo burengeye ubwo bafise tuzosanga atihenze. Kukaba nkako, hari n’abandi bari mu migwi yo kunonora imitsi usanga iyo bavuyeyo bafise aho bahurira kugira bivune akanyota aho usanga batana imbo mu gusorora ku buryo iyo umuntu aramukiwe usanga afata n’ideni ryopfashije mu gutuma umuryango wisununura.

None hokorwa iki?

Icokorwa si ikindi, ni uko abantu boreka guhiganwa mu gusesagura. Imanza zogabanywa kuko hari izikwiye gutunganywa umuntu aravye uburyo afise, ataravye uko ahandi vyagenze kuko na basokuru barayamaze ngo “ingendo y’uwundi iravuna”. Vyongeye ngo “umugabo ni uwurya akaraza”. Ejo buca amashure atangura kandi hagakenerwa vyinshi haba mu kugura ibikoresho vy’ishure canke kuriha amahera y’ishure n’ibindi vyankenerwa. Ku barimyi buca hagera irima ry’agatasi. Ari naco gituma boraba neza ejo ntibasange umwimbu wahereye mu kumara imanza ngo bazosange ata n’imbuto bafise. 
Eka na Reta yogerageza guhimiriza abanyagihugu kugabanya imanza bakanategekaniriza kazoza kuko vyose biza vyunyurwa n’irwirirana ry’abantu risigaye rifise umuvuduko udasanzwe muri kino gihe. Harakwiye gufatwa ingingo zihuta amazi atararenga inkombe.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.