Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abarundi bari i Buraya babandanya imyiyerekano - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Diaspora > Abarundi bari i Buraya babandanya imyiyerekano

Abarundi bari i Buraya babandanya imyiyerekano

samedi 2 Rusama 2015

Abarundi bari mu makungu babandanya kugira imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.

Inyuma y’aho abarundi bari mu bihugu vya Canada, Ububirigi, Reta zunzubumwe z’Amerika n’ahandi biyamirije ico kiringo ca gatatu, mbere bakavuga ko bifatanije n’abarundi bariko biyamiriza ico kiringo, abarundi baba mu gihugu c’Ubufaransa, bavuga ko kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 4 Rusama, inkoko ariyo ngoma, bazoba bari mw’ibarabara, biyamiriza ubwicanyi bukorerwa abari mu myiyerekano, ihonyangwa ry’amasezerano y’i Arusha hamwe n’ibwirizwa nshingiro, ryatumye amahoro aboneka mu Burundi.

Abo barundi bo mu gihugu c’Ubufaransa, bakaba bazoja mw’ibarabara mu gihe umugambwe uri ku butegetsi muri ico gihugu ariwe Parti Socialiste, mw’itangazo washize ahabona, wavuze ko ufise ubwoba kw’igenwa rya Petero Nkurunziza kugira asubire kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu atanzwe n’umugambwe wiwe CNDD FDD, ubugira gatatu. Uwo mugambwe ukavuga ko wababajwe n’iyicwa mu ntango z’imyiyerekano y’abantu batatu, bishwe barashwe amasasu yica n’abaporisi eka co kimwe n’urwaruka rw’Imbonerakure, uwo mugambwe ufata nk’akarwi k’inkorabara.

Uwo mugambwe uvuga kandi ko wababajwe n’ipfungwa ry’iradiyo RPA ijwi ry’abanyagihugu, ugasaba ko iyo radiyo yugururwa bidatevye, atan’igisabwe. Uwo mugambwe uri ku butegetsi muri ico gihugu c’Ubufaransa, ukaba wamenyesheje ko ushigikiye abari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike, co kimwe n’imigambwe iriko ikora ibishoboka, mu gukingira iyubahirizwa ry’amategeko n’amasezerano mu Burundi. Usaba umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kwumviriza impanuro, mbere agatahura akamaro k’itandukanywa ry’ibiringo biri mu mategeko n’ amasezerano.

Tukabamenyesha ko abarundi bari mu bihugu vya Buraya, basavye inama nshingamateka y’umuryango wa Buraya, ko wobuza Petero Nkurunziza kwitoza, aho n’abarundi bari mu Bwongereza batanguye imyiyerekano kuri uyu wa gatandatu, igenekerezo rya 2 Rusama, basavye Petero Nkurunziza guhagarika umugambi wo kwitoza, co kimwe n’ukudasubira guhohotera abari mu myiyerekano.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.