Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imirwi iriko itera iteka Uburundi mu mupira w’amaguru mu makungu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Imirwi iriko itera iteka Uburundi mu mupira w’amaguru mu makungu

Imirwi iriko itera iteka Uburundi mu mupira w’amaguru mu makungu

mercredi 2 Ndamukiza 2014

Abakinyi b’Abarundi bari mu mahiganwa mu bihugu bitandukanye bariko bavyifatamwo neza. Mu nkino zose bamaze gukina nta murwi n’umwe uratsindwa. Aha tuvuga abakinyi ba Académie Le Messager bari mu gihugu ca Turkiya n’umurwi wa New Generation uri muri Brésil.

JPEG - 70.1 ko
Umurwi wa Academie Le Messager muri Turkiya

Inyuma y’inkino 3 umurwi wa Académie Le Messager umaze gukina nta rukino na rumwe uratsindwa. Aha tuvuga urukino uwo murwi watsinze igihugu c’Uburusiya ibitsindo 5 kuri 2 (5-2), n’itsindwa ry’ibitsindo 2 ku busa (2-0) batsinze umurwi wa Caykur Rizespor wo muri Turkiya ahariko habera izo nkino.

Eka n’urukino rwabaye kuri uwo wa mbere, umurwi wa Academie Le Messager watsinze Filiz Cay yo muri Turquie ibitsindo 3 ku busa (3-0), ibitsindo 2 vyinjijwe n’umukinyi Ali Intelligent n’ikindi ca Teo Niyonkuru. Academie Le Messager ufise amahirwe menshi yo gutahukana ico gikombe nk’uko wagitwaye muri Rusama umwaka w’2013 mu mahiganwa ya Jeunesse Moscou yabereye mu Burusiya. N’aho biri uko, ikirere ntikiriko kirorohereza abakinyi b’Abarundi ba Academie Le Messager, kuko hari imbeho irengeje aho n’ikibuga kiba cuzuye urubura.

Ayandi makuru dukura i Rio de Janeiro aho umurwi wa New Generation wagiye mu mahiganwa y’igikombe c’isi yose c’abana bahoze mw’ibarabara muri Bresil, bamaze gukina inkino 2. Inyuma yo kunganya n’umurwi wo muri Tanzaniya ibitsindo 2 ku bindi (2-2), ejo hahise uwo murwi wihanije umurwi w’igihugu ca Philippines watsinzwe ibitsindo 4 ku busa (4-0).

JPEG - 43.2 ko
Umurwi wa New Generation muri Bresil

Mu rukurikirane rw’amakuru y’inkino, twobamenyesha ko inyuma y’amasaha menshi y’urugendo, umurwi w’Intamba mu Rugamba w’abafise munsi y’imyaka 20 uhejeje gushika mu gihugu ca Djibouti, ukaba ufise urukino kw’igenekerezo rya 04 Ndamukiza 2014.

Irabire aha munsi umunezero w’abana bagera 230 barimwo abahungu n’abakobwa bava mu bihugu 19 bashitse i Rio de Janeiro. Abakinyi bo muri New Generation bavyina bati : "Nzosiga umugani ngiye."


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.