Accueil > Amakuru > u Burundi > Abarundi basabwa gukingira ibidukikije bibangamiwe muri kino (...)
Abarundi basabwa gukingira ibidukikije bibangamiwe muri kino gihe
dimanche 27 Mukakaro 2014
Abarundi hamwe n’abandi baba mu Burundi basabwa kurinda amashamba imiriro ya nyakanga muri bino bihe vy’ici, hamwe n’ukurwanya n’ibindi bikorwa vyose bibangamira ibidukikije.
Ubushikiranganji bujejwe ibidukikije bumenyesha ko burajwe ishinga n’ibidukikije bibangamiwe muri kino gihe. Isi n’igihugu c’Uburundi kirimwo, iriko irahura n’ingorane nyishi zivuye ku ruzuba, ku mashamba abangamiwe cane gose n’ibikorwa vy’abantu, ku mazi hamwe n’ibinyabuzima biyabamwo bibandanya bitosekazwa n’ibikorwa vy’abantu ku rugero ruteye impungenge. Indimo zirushirizaho kubangamirwa, kw’ihonywa ry’ibinyabuzima bifatiye kuri kamere kazo hamwe n’indwara nyishi ziterwa n’uko ibidukikije bibangamiwe.
Nk’uko bishikirizwa n’umushikiranganji w’amazi, ibidukikije, gutunganya ibisagara amatongo n’ibisagara, Jean Claude Nduwayo, igihe yari aramutse ashikiriza ivyaranguwe muri ano mezi atandatu aheze, mu bushikiranganji arongoye bubifashijemwo n’igihugu c’Ubudagi, baheruka gutegura ingene bohangana n’ingaruka mbi zijanye n’ihindagurika ry’ibihe babicishije mu guhanahana amakuru kugira bose bamenye neza ingene isi iriko irahinduka, gurtyo bitegure, bategure imigambi ishobora gutuma ubuzima bw’abanyagihugu butabangamirwa cane.
Ubushikiranganji bw’ibidukikije bwaboneyeho n’akaryo ko gutera akamo abarundi bose, abajejwe intwaro, abatowe, abakozi mu bushikiranganji bw’ibidukikije, gushira inguvu hamwe bitwararike bongere babungabunge ibidukikije, kuko ayo mashamba n’ayo iyo bibungabunzwe biri mu vyotuma Uburundi bushika kw’iterambere rirama kubariho hamwe n’abataravuka.
Umushikiranganji Jean Claude Nduwayo yaboneyeho akaryo ko gusaba abarundi bose n’ababa mu Burundi kurinda amashamba imiriro ya nyakanga muri bino bihe vy’ici.
Floxella Karire