Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abarundi basabwa kugabanya iminsi mikuru itagira insiguro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abarundi basabwa kugabanya iminsi mikuru itagira insiguro

Abarundi basabwa kugabanya iminsi mikuru itagira insiguro

jeudi 4 Nyakanga 2014

Kuva kera na rindi, kuri ba sokuru naba sokuruza, abarundi bamye batunganya imanza zaba izo kunezerwa canke izo mu gihe c’imibabaro, bagatumirana, bagatererana, kandi bagafashanya muri vyose. Muri ibi bihe biboneka ko hajamwo ukwigora n’ukwitanga birengeje kugira izo manza zibe, mu murwi ujejwe gukundisha igihugu abarundi basaba abanyagihugu kugabanya iyo minsi mikuru, bagaheba guhimbaza iyidakenewe.

Mu bikorwa vy’ugutanguza mu ntara ya Cibitoke, kuri uwu wa gatatu, umugambi w’ugukundisha igihugu, ikiganiro catanzwe na Gaudence Ngendakuriyo wo mu rwego rw’abashingantahe, cagarutse ku kungene umunyagihugu akunda igihugu ciwe arondera kwiteza imbere n’ukuguteza imbere igihugu camwibarutse, akirinda gusesagura.

Mu bitwara ubutunzi bw’abanyagihugu ahanini, muri ico kiganiro bagarutse ku manza zihimbazwa mu Burundi. Nk’uko vyashikirijwe na Gaudence Ngendakuriyo, kuva kera, imanza nyinshi zagirwa zari zifatiye ku biringo bikuru bikuru bihambaye mu buzima bw’umuntu, nk’ivuka, ubugeni, urupfu n’izindi. Imbere y’umuzo w’abazungu, iyo minsi mikuru yahimbazwa ata gushikuza, umwe wese agakora urubanza rungana n’uburyo bwiwe. Ariko rero kuva aho abazungu baziye, hagiye hariyongeramwo n’iyindi minsi mikuru, igenda iragwira gushika aho n’iyahora ihimbazwa kera ihindura intumbero, bikaba nk’ihiganwa mu gusohora vyinshi vy’urubanza.

Muri ico kiganiro, basanze uguhimbaza imanza mu Burundi vyarahinduye intumbero, kuko kera zahimbazwa mu ntumbero yo guhuza incuti n’imiryango, ubu naho benshi bakaba babikora kugira bahaye ubutunzi bafise, canke bigane ivyo uwundi yaheruka gukora. Mu murwi ujejwe gukundisha igihugu basanga abantu basigaye bidoga ko imanza zabaye umurengera, zikabavuna kubera ko bagerageza gushigikirana, kenshi bikabananira kubera uburyo buke, canke iyindi myitwarariko y’imiryango baba bafise.

Mu murwi ujejwe gukundisha igihugu bahanura abanyagihugu ko bohindura ingendo, bakagabanya imanza, hagakorwa ibitaremera abandi, cane cane abantu bakagerageza kutonona amatunga y’umuryango asanzwe atifashe neza. Abarongoye abandi basabwa gutanga akarorero mu kureka guhimbaza iminsi mikuru idakenewe, kuko ariho n’uwutwarwa azobona ko n’uwumutwara yamurusha uburyo, umunsi mukuru runaka atawuhimbaje, kandi yari abifitiye ubushobozi. N’aho bitoroshe kugabanya iminsi mikuru ku banyagihugu, mu murwi ujejwe gukundisha igihugu bamenyesha ko bizoza buke buke, kuko kurya imanza zagiye ziragwira ku rwiganwe n’uguhiganwa, ariko zizomarwa kandi n’urwiganwe nivyahera hejuru.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.