Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Abarundi bohimirizwa mu kurima isoya
Abarundi bohimirizwa mu kurima isoya
samedi 21 Ruhuhuma 2015
Mu cegeranyo c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Uburundi bwashizwe mu bihugu abanyagihugu baho babangamiwe n’ugufungura nabi.
Muri ico cegeranyo c’amatohozwa yakozwe mu mwaka w’2013, abarundi bafungura nabi. Ivyo bikaba vyavugiwe mu ruganda rwari rwatunganijwe n’ishirahamwe ry’abaforoma batagira imbibe . Maggy Kwizera aserukira iryo shirahamwe imbere y’amategeko akaba avuga ko hakwiye gukorwa ibishoboka vyose mu ntumbero y’ugutorera inyishu ikibazo c’ugufungura nabi.
Ku bwa , Maggy Kwizera, ico cegeranyo gishira Uburundi muri ivyo bihugu bibangamiwe n’ugufungura nabi, kirababaje, mu gihe igihugu atakwo kitagira mu kurwanya ugufungura nabi. Yaba Maggy Kwizera canke abagiye baraterera ivyiyumviro muri urwo ruganda, bose bakaba basavye ko igiterwa c’isoya coshigikirwa rwose, ndetse kigahimirizwa, na rirya ico giterwa gisanzwe cikwije mu bwoko bw’imfungurwa.
Aristide Nizigire
Messages
22 Ruhuhuma 2015, 14:18, par munyu
Iryo soja abasendede nibaririme numukuruwabo pita birigwa baraturandurira steviya ivyaribije gutezimbere umunyagihugu birigwabararandura. Ayomasoja yanyu gotuyarime atumaririki tuzobahukotwaritubayeho abarundi tubeshwejeho nimana yahandi kubwapita ntaninyoni ibikibazwa mugihugu ayomasoja nagendayariMenawe na ba dd biwe.
22 Ruhuhuma 2015, 17:27, par aa
DO U KNOW KANA SOYA MLK(KASOM).