Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abarundikazi bo mu bwoko bw’abatwa bariteguriye amatora - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abarundikazi bo mu bwoko bw’abatwa bariteguriye amatora

Abarundikazi bo mu bwoko bw’abatwa bariteguriye amatora

vendredi 12 Nyakanga 2014

Abapfasoni babarundikazi barakwiye kumenya ko nabo bategerezwa kwitoza ndetse bagatorwa.

Ivyo bikavugwa mu gihe iyo uravye imigambwe iri mu Burundi, n’imigambwe mike itwarwa n’abakenyezi niho umuntu aca yibaza namba abakenyezi babarundikazi badashoboye gutwara imigambwe. Miri iki igihe amatora yimirije, imigambwe iriko iratondeka intonde z’abazitoza irakwiye kw’ibuka ico abakenyezi bari muri iyo migambwe bashoboye, n’ico bamaze mw’iterambere ry’imigambwe, bakabashira imbere mugihe mu 2010 atamukenyezi yaza kw’isonga rya bitoza. Ubu rero bamwe mu bakenyezi bari mu migambwe, bagasabwa guharanira agateka kabo, bakerekana ko bashoboye kuba imboneza mu migambwe yabo.

Abakenyezi b’abasangwabutaka bakunzwe kwitwa abatwakazi bo muntara ya Bubanza bo, umwiteguro ni wose babifashijwemwo n’ishihamwe ry’abo basangwa butaka aho babaronkeje inyigisho zibabwira uruhara bafise mu gihugu, igituma bo kwitoza canke bakaja gutora mu gihe umengo abo bakenyezi baribagirwa cane hageze mu biraba igihugu.

Abakenyezi babasangwabutaka bemeza ko bazoruhuka nabo baiye barashirwa ku ntonde z’amatora.


Anitha Bizimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.