Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abarwanyi ba FDLR basubiye kugirwako ibitero bikomeye
Abarwanyi ba FDLR basubiye kugirwako ibitero bikomeye
jeudi 26 Ruhuhuma 2015
Abarwanyi b’umuhari wa FDLR usanzwe urwanya Reta y’Urwanda batanguye kugirwako ibitero bikomeye, mu ntumbero yo kubaka ibirwanisho.
Nk’uko bivugwa n’umuvugizi w’igisirikare ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, abarwanyi ba FDLR baranse gushira mu ngiro ivyo basabwe, abasirikare b’igihugu bakavuga ko bagiye kuvira hasi abo barwanyi, bakwe ibirwanisho, mu gihe uwo muhari wagirizwa gukora amarorerwa mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, yaba mu gufata abagore ku nguvu, kwica n’ukwiba. Eka mbere bakagirizwa n’uko batera umutekano muke mu gihugu c’Urwanda.
Ariko rero tukabamenyesha ko umukuru w’igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, yaheruka kwanka ikorana n’umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ariryo MONUSCO. Intandaro ya vyose rero, akaba ari ukudahuza hagati ya MONUSCO n’igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo ku basirikare babiri bafise ipete rya General, bategerezwa kurongora umurwi wo gutuza abo barwanyi ba FDLR. Bikavugwa ko igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo hamwe na MONUSCO batanguye ibiganiro kugira barabe ico korwa mu kurwaniriza hamwe abo barwanyi b’abanyarwanda bafatwa nk’intagondwa.
Aristide Nizigire
Messages
27 Ruhuhuma 2015, 17:39, par Nuwera
Abobahungu bitwa FDLR kubarwanya ukoresheje ibirwanisho nugucumurira ubusa kuko aba FDLR nmburigihugu cose citwakokirimwo abanyarwanda habaharimwo FDLR nayomurwandahoho haribeshigose rekangezaha.
27 Ruhuhuma 2015, 17:50, par Chaine
Nukuri afirika iracari igikoresho camakungu mbe inkotanyizo zamaze imyaka ingahe mubugandeko ntawavuze kontawebacokoje babashakako iki?
28 Ruhuhuma 2015, 17:43, par mico
bivugwa ko aba FDRL ari bamwe mu ngabo abantu bo mu bwoko bwaba"bantu" bari basigaranye.