Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abarwanyi ba M23 basabwe guhagarika ingwano
Abarwanyi ba M23 basabwe guhagarika ingwano
lundi 4 Munyonyo 2013
Abasirikare bo muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo barabandanya ibitero ku duce twa nyuma tukiri mu maboko y’abarwanyi bo mu murwi M23, hafi y’aho Repuburika iharanira intwaro rusang ya Kongo ihana imbibi n’Urwanda na Uganda.
Amakuru dukesha bagenzi bacu bakorera BBC muri ako karere amenyesha ko impunzi ziharurwa mu majana ziriko zihungira ingwano mu gihugu ca Uganda.
Nta mwanya munini uheze umukuru w’umurwi M23 ku rwego rwa poritike, Bertrand Bisimwa, atangaje ko umurwi ayobowe uhagaritse iingwano.
- Bertrand Bisimwa, umukuru w’umurwi M23 ku rwego rwa poritike
Bertrand Bisimwa yasabye abarwanyi bose b’uwo murwi guca bahagarika ingwano kugira ibiganiro vy’amahoro bishobore kubandanya mu gisagara ca Kampala, mu gihugu ca Uganda.
Abasirikare ba Reta ya Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, zibifashijwemwo n’abasirikare ba ONU, bamaze iminsi birukana abarwanyi bo mu murwi wa M23, mu turere dukomeye twahora tugenzurwa n’abo barwanyi ba M23, mu buseruko bw’igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.
Egide Nduwimana
Messages
4 Munyonyo 2013, 06:39, par hunguka
M23 yashiriwe. ahubwo bage gushaka fdrl ibatinze imbaraga, itwalo mwaneshejwe. ziliya kadogo zo fdrl. kozatonjwe bikomakomeye
4 Munyonyo 2013, 06:42, par vyiyumviro
m23 ntantege musigaranye. muge kunyaza abagore ntakindi mugishoboye!
4 Munyonyo 2013, 11:57, par gadi
Ubundi abakongomani. ahobatsinze urugamba nihehe? bashaka ababafatira. kaziyanu ni kutomba hakuna yingini