Accueil > Amakuru > u Burundi > Abarwayi bo ku bitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore baronkejwe (...)
Abarwayi bo ku bitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore baronkejwe imfashanyo
samedi 25 Rusama 2013
Abahurikiye mw’ishirahamwe ry’abavutse mu mwaka w’1963 batanze imfashanyo ku barwayi bo ku bitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 25 Rusama 2013.
Iyo mfashanyo igizwe n’ibifungurwa, amakara n’amavuta yaje isanga igikoni ca kijambere cashikirijwe icese, naco nyene kikaba cubatswe ku buryo bwatororokanijwe n’abari muri iryo shirahamwe ryitwa « Abaquinqua », bivuye mw’ijambo ryo mu rurimi rw’igifaransa « quinquagénaire », risigura abafise imyaka iharurwa muri mirongo itanu.
Inyuma y’ijambo ryo gukenguruka ryashikirijwe n’uwurongoye ibitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, umukuru w’iryo shirahamwe, Louis-Marie Nindorera yamenyesheje ko bahisemwo ivyo bitaro kuko abagira neza benshi badahora biyumvira ko hoba hari abakene bahavurirwa. Ibitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore bikaba vyakira abantu baje bava mu mihingo itandukanye y’igihugu c’Uburundi.
Nk’uko vyabandanije bisigurwa na Isaac Minani, umukuru w’ibitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, inyuma y’ingingo y’umukuru w’igihugu yo kuvura abana batakwiza imyaka itanu ku buntu hamwe n’abavyeyi bibaruka ku buntu, ubu n’abatifise barava kwivuriza kuri ivyo bitaro, kandi kenshi bakaba baza bava mu ntara za kure y’igisagara ca Bujumbura.

Abarwayi baronkejwe ico gikoni bamenyesheje ko kizobafasha gushobora kwironderera ibifungurwa, bagasaba ko abo bagira neza bofasha n’imiryango iri muri ivyo bitaro yabuze amafaranga yo gusohoka ibitaro.

Louis-Marie Nindorera agasaba n’abandi ko bobahamvya, gutyo baterere ivyiyumviro mu migambi yo gufasha abatifise.
Egide Nduwimana