IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bisabwa ko abagendana indwara zo mu mutwe borindwa ibibatera (...)

Bisabwa ko abagendana indwara zo mu mutwe borindwa ibibatera akabonge

jeudi 12 Kigarama 2013

Mu guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe agateka ka zinamuntu, Furera Emmanuel Ntakarutimana yishikiye mu bitaro vy’abafise indwara yo mu mutwe biri mu Kamenge aho benshi bita kwa Le Gentil.

Nk’uko yabimenyesheje, Furera Emmanuel Ntakarutimana, umukuru w’umurwi w’igihugu witaho agateka ka zinamuntu, yavuze ko urwo rugendo rwiwe ruje mu gihe amakungu ariko ahimbaza isabukuru igira iya 65 y’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu, eka co kimwe n’iyindi igira iya 20 y’iyubahirizwa ry’abantu bagendana ubumuga.

Furera Emmanuel Ntakarutimana akaba yavuze kandi, ko yaje kugendera abo bafise iyo ndwara bari muri ico kigo, kugira abone vy’ukuri ubuzima babayemwo, eka n’ingorane ico kigo gisanzwe gifise. Tukabamenyesha ko mu kurinda abo bafise indwara yo mu mutwe kuguma bonyene kugira ntibagumane akabonge, baganiriza igihe cose, bigasabwa kandi kubagirisha imyimenyerezo yo kwinonora imitsi, kubagaburira neza, kubarinda gushavura canke kugira izindi ngorane izarizo zose, eka n’ukuguma baruhutse.

Mwomenya ko indwara zo mu mutwe, ari ndwara zidapfa gukira n’ubwo bagerageza kuzivura. Mu buvuzi, bivurwa ko indwara zo mu mutwe zitavurwa burundu, ahubwo bazirinda kubandanya ziduga, arivyo bita mu gifaransa, « Stabiliser les maladies mentales ».


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.