Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abarwizatunga b’abarundi bariko barategura urugendo mu Bubirigi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abarwizatunga b’abarundi bariko barategura urugendo mu Bubirigi

Abarwizatunga b’abarundi bariko barategura urugendo mu Bubirigi

mardi 28 Nzero 2014

Franck De Coninck, intumwa idasanzwe yarungitswe mu karere k’ibiyaga bigari yakiriwe n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gerevazi Rufyikiri.

Igihugu c’Ububirigi carungitse intumwa yayo idasanzwe Franck De Coninck kugendera akarere k’ibiyaga bigari n’Uburundi burimwo. Kuri uno wa kabiri wa 28 Nzero 2014, akaba yakiriwe n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gerevazi Rufyikiri.
Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, Gerevazi Rufyikiri akaba yamenyesheje ko intumbero nyamukuru y’urugendo rw’iyo ntumwa idasanzwe mu Burundi ari ukuganira ahanini ibijanye n’imigenderanire hagati y’Uburundi n’igihugu c’Ububirigi hamwe n’ibikorwa vyo gukomeza iyo migenderanire.

JPEG - 1 Mo
Franck De Coninck, intumwa idasanzwe yarungitswe n’Ububirigi mu karere k’ibiyaga bigari

Bimwe muri ivyo bikorwa akaba ari urugendo rw’abarwizatunga ruzoba rutegekenijwe mu mpera z’ukwezi kwa Ntwarante 2014 muri ya ndwi yahariwe Ububirigi (Belgo-burundais). Ikindi naco, ni ibijanye n’ibibazo bijanye no gukomeza intwaro rusangi mu gihugu c’Uburundi, hamwe n’ibijanye no kwitegurira amatora yimirije mu mwaka w’2015.
Gerevazi Rufyikiri, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu amenyesha ko muri uwo mubonano na Franck De Coninck bumvikanye ko imigenderanire yoguma ari myiza mu bisata vyose nk’ibiraba poritike, umutekano n’iterambere mu gihugu.

JPEG - 1.1 Mo
Gerevazi Rufyikiri, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu

Mwomenya ko iyo ntumwa idasanzwe Franck De Coninck yari imaze iminsi ibiri mu gihugu c’Uburundi, akaba yarashoboye no kubonana n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Bernard Busokoza, umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu, Laurent Kavakure hamwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Edouard Nduwimana.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.