Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abasaba gutanga imihoho aho kuzingamika ibikorwa vya kaminuza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abasaba gutanga imihoho aho kuzingamika ibikorwa vya kaminuza

Abasaba gutanga imihoho aho kuzingamika ibikorwa vya kaminuza

samedi 30 Munyonyo 2013

Umushikiranganji w’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi Yozefu Butore asaba abigisha batashimishijwe n’itangwa ry’akazi riherutse kuba muri kaminuza y’Uburundi ko botanga imihoho bakareka kuzingamika ibikorwa vya kaminuza.

Mu gihe haheze iminsi itari mike bamwe mu bigisha bari muri sendika STUB (Syndicat Libre des Travailleurs de l’Université du Burundi) biyamirije itangwa ry’akazi bavuga ko ritisunze amategeko, aho mbere ubwoko n’imigambwe arivyo vyoba vyashizwe imbere. Umushikiranganji w’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi Yozefu Butore amenyesha ko abigisha baheruka guhabwa akazi muri kaminuza bagahawe hisunzwe amategeko. "Itangwa ry’akazi riheruka kuba muri kaminuza y’Uburundi ryakurikije itegeko ry’umukuru w’igihugu ryo mu kwezi kwa Gitugutu umwaka w’2012 mu ngingo yaryo y’icenda ariryo mbere rigenga na kaminuza muri kino gihe. Kumbure ni kubera ari itegeko rigiye mu ngiro ubwa mbere nico gituma bisa n’ivyateye impagarara".
Ivyo akaba yabimenyesheje mu nama yari yagiranye n’abarongoye ibisata bitandukanye muri kaminuza y’Uburundi, hamwe n’abarongoye abanyeshure, inama yabaye kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 29 Gitugutu 2013.

JPEG - 29.9 ko
Yozefu Butore, umushikiranganji w’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi

Umushikiranganji Yozefu Butore asaba abarongoye ibisata bitandukanye vyo muri kaminuza y’Uburundi banka gushira mu ngiro ingingo iba yafashwe ko botanga imihoho aho kuburabuza ibikorwa vyo kwigisha. Asaba abo bose boba bafise akangonongono gutura ico kibazo ababijejwe babicishije mu rwandiko, bakerekana aho ikibazo kiri.


Floxella Karire

Messages

  • Nibatange nyene imihoho nakare niho n’ikibazo ca Université Ntare Rugamba coja ku rutonde kikaronka inyishu. Birababaje aho abanyeshuri bimwa ma diplome yabo kebera inyungu za bamwe bamwe. Ndagishigikiye nyakwubahwa mushikiranganji w’ama kaminuza.

  • Jewe nibaza ko Ministre ari umuntu atize atazi n’amategeko. Mbe yiyumvira ko Abakozi ba Universite batazi ivyo bavuga, Universite si Politique aho ivyo gutanga ubuzi ku migambwe bigomba gukurikizwa, oya, Universite niyo mutwe w’igihugu, rero hakore ababizi kandi bazi ivyo bakora. Kuvuga ngo batange imihoho, oya uBurundi buri muri Demokarasi, kandi Abakozi bafise kwanka ico babona ko ari ikizanira ingorane uBurundi, rero Ministre ntazane ivyiwe, nabanze yumvirize abo banka yumve igituma banka. Mbe we ntiyotanga imihoho, nuko ivyo mu bihugu vyirabura, gutanga imihoho bigoye. Universite muyitandukanye n’ubwoko, ariko murabe ubumenyi.

  • Ariko basha ni muze muramenya aho tuvuye niyo tuja none umuntu boba bahaye akazi atarize mubo muvuga ninde ingorane nuko abantu bamwe bibazako igihugu aricabamwe ariko igihugu nicabarundi bose bafise uburenganzira bungana mumenyereko democratie Atari kugarariza atamvo ziboneka utanze nibacishe munzira itegekanijwe namategeko atarukugumuka canke kwiyerekana iyo ninzira yanyuma izindi zose zanse

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.