Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abavuga ko basambanijwe n’abapadiri bandikiye ikete Papa Fransisco - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Abavuga ko basambanijwe n’abapadiri bandikiye ikete Papa Fransisco

Abavuga ko basambanijwe n’abapadiri bandikiye ikete Papa Fransisco

mardi 17 Ruhuhuma 2015, par IGIHE

Abahohotewe n’abapadiri bo muri Amerika bagiye hamwe kuri uwu wa mbere basaba Papa Francisko, umwungere wa Ekleziya Gatolika, kwemera ko ubutungane bw’ibihugu bukurikirana abapadiri bagirizwa icaha co gusambanya abana.

Abahohotewe bo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Argentine, Mexique n’ibindi bihugu, bandikiye ikete Papa Francisko, bamubwira ko "Amajambo gusa adahagije."
Bemeza ko kuba Papa yari aherutse gutangaza ko abapadiri basambanyije abana bazokurikiranwa ivyo bidahagize, kuko Ekleziya Gatolika itarigera na rimwe ibashikiriza sentare kugira babazwe ivyaha bakoze.

JPEG - 19.9 ko
umwungere wa Ekleziya Papa Francisko

Ikigo c’itangazamakuru co mu gihugu c’Ubufaransa kivuga ko iryo kete risobanura ko ubutungane bw’amasentare asanzwe y’ibihugu, aribwo buzomara agahinda abahungu n’abakobwa baharurwa mu bihumbi, basambanijwe, bikaba akamizwe n’ingoma, kugira ntibicafuze isura nziza ya Ekereziya Gatolika n’iy’abayihagarariye kw’isi.
Abahohotewe bagiriza Papa Francisko gukingira ikibaba abapadiri basambanije abana.

Iryo kete ryandikiwe papa Fransisko ryasomewe mu gisagara ca Mexico na Jose Barba, avuga ko yasambanyijwe na Padiri Marcial Maciel ashinze umuryango w’Abarejiyo ba Kirisitu, yapfuye mu 2008.

Kuva ashinzwe amabanga yo kuba umwungere wa Ekereziya Gaturika, Papa Francisko yagiye avuga ko atazigera yihanganira na rimwe abapadiri basambanya abana. Mbere yasavye abasambanyijwe kwihangana avuga ko azorwanya ihohoterwa rikorerwa abana, anashiraho n’umurwi wa EKereziya ujejwe kubarinda ihohoterwa abo bana.

Amakuru ava muri Amerika akavuga ko abahohotewe bo ku mugabane wa Amerika bemeza ko Papa Francisko, uwasubiriye Benoit XVI, yahagaritse mu mirimo abapadiri 400 basambanyije abana, akababuranishiriza muri sentare za Vatikani, bztzrinze kwumviriza abahohotewe canke ababafasha mu mategeko.


Floxella karire

Messages

  • YAMIHIMBIRI YA OPOZISIYO NA SOSIYETE POLITIKE SIVILE NIBIRABIRE INGENE AMERIKA YANANIWE GUCA IMANZA ZABASAMBANIJE ABANA KUNGUVU. HAMA BAKATUBWIRA KO FBI KO ARIYO IZOCA URUBANZA RWA MANIRUMVA NIBARA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.