Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
"Abasambuye UPRONA batandukiriye JRR" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > "Abasambuye UPRONA batandukiriye JRR"

"Abasambuye UPRONA batandukiriye JRR"

samedi 15 Ntwarante 2014

Aba JRR bahurikiye mu mugambwe w’Abadasigana Uprona, bankiwe kugira inama y’abarongoye abandi mu makomine agize ifgisagara ca Bujumbura, imvo yo kubuza urwo rwaruka kugira inama bikavugwa ko yavuye hejuru, n’ubu abo ba JRR bakaba bariko baraharondera aho hejuru, kugira inama ibe.

Kuva igihe c’isaha zitanu zo kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 15 Ntwarante, ku ngoro y’aba JRR iri muri komine ya Ngagara mu gisagara ca Bujumbura, akaba ariho hari hategekanijwe ko habera iyo nama, irongowe n’umukuru wa JRR mu Burundi, umushingamateka Gasutwa Bonaventure, ari kumwe n’umukuru w’urwaruka rwa JRR mu gisagara ca Bujumbura umushingwamanza Patrick Nitegeka.

Ariko rero, abo ba JRR bakaba batoroherejwe n’abaporisi bari aho barongowe na zimwe mu ntwazangabo zo mu giporisi, kuko bababwiye ko hari itegeko ryavuye hehujuru, ribuza iyo nama. Mu kanya gato, bamwe mu bashingamateka n’abandi bari mu nzego nkuru z’uyo mugambwe UPRONA bakaba baciye bahashika, ariko n’ubundi iyo nyubakwa ababaporisi barayizibira, barugariza imbere n’inyuma.

Haheze akanya gato, hakaba haciye haza imiduga y’uzuye abaporisi, baje kubirukana ku nguvu. Abo ba JRR bakaba birinze imishamirano n’abaporisi, barababisa, baja hirya. Ariko rero, uwurongoye umuhari wa JRR mu gisagara ca Bujumbura, akaba yababajwe cane n’iyo nyifato y’igiporisi yo kubabuza gukora. Nitegeka Patrick avuga ko ivyo bibabaje, aho umunyagihugu yakwa uburenganzira bwiwe arorera, akabuzwa kuvugana n’abo arongoye kandi abihabwa n’amategeko.

Amenyesha ko ivyo kubabuza bifitaniye isano n’abantu bahemukiye umugambwe wa Rwagasore, bagafashanya n’abatari Abadasigana mukubasamburira umugambwe wabo. Uwo mushingwamanza arongoye JRR mu gisagara ca Bujumbura, akamenyesha ko na JRR arongoye, hari imigambi yo kuyisambura, kuko hari umunsi mukuru watumiwemwo bamwe mu ba JRR batanazwi, batumwako n’abantu Atari aba JRR, kandi birukanywe mu mugambwe UPRONA.

Umushingwamanza Patrick Nitegeka arongoye JRR i Bujumbura

Ariko amakuru yava ngaho muri ico kibanza c’aba JRR mu Ngagara, akaba yavuga ko kuva aho Gaston Sindimwo asanzwe ariwe ajejwe kugenzura ukwo inzego za UPRONA irongowe na Conciliya Nibigira zikora amenyeye ko hari inama y’aba JRR itegekanijwe kubera mu Ngagara, yoba yaciye yihutira gusaba musitanteri wa komine ya Ngagara hamwe n’uwurongoye igiporisi muri iyo komine, kuburagiza iyo nama, ari vyo vyaciye biba ku mugaragaro, izuba riva, abo ba JRR bataha uko bari baje.

Bamwe mu bashingamateka ba UPRONA

Aristide Nizigire

Messages

  • j mbon yuko reta yoreka kuburagza abo batavug rumw barek bose bakore bidegenvya kuk nt democlatie at mwidegenvyo

  • Erega ngo ntakiryururagisigazi nzoka.aho nuko nyene amategeko yavuye kwa nduwimana ariko barabeshabizobahinyukana aboba dede na uprodede.

  • nibareke imigambwe itavuga rumwe na reta ikore igikogwa cayo ntakindi; none iyi ntwaro itinya iki? nibatange amahoro kandi bamenye ko amashugwe yuma akabisa ayandikandi koharumusi ubarindiriye wo kubazwa ivyo bariko barakora batoteza abanyagihugu.

  • umwana yankwa niwe akura bitebe bitebuke ibintu bizoja muburyo abo ba dd baribuka neza ko batafashe Iguhugu n Umuheto nako ndata birakabona batagifatishije umuheto hari kuba vyishi vyari kononekara kandi nibarindire gato mukanya ibintu bizoja muburyo nibabe bararondera ubuhungiro vyihuta!!!

  • Ivyo bakora birateye ubwoba kabsa reta nivuge ko abondi atari abarundi ko zoba arimpunzi bafume basaba ubwene gihugu kuko umengo bakoresha aslym permit kuko ntivyunvikana umuntu aba mugihugu ciwe camavuka atari free

  • Mwigumye bagenzi. Bazobandanya babasootoora; mwitekerereze. Bababuragize; mwihorere. Mwibandanirize kwigisha urwaruka, mwicecekeye. Aba DD bageze aho umwansi ashaka. Amakungu yabakuyeko amaboko, baca bata ishavu kuri mwebwe.
    Societe civile yasavye tribunal ya election. Izobaho ku nguvu. CENI yavuze ko ata mahera ifise yo guha abarorerezi ba Societe Civile. Tuzoyarondera kandi tuzoyaronka. Barabesha turabacunze. Patrick: uratubwira email yawe tubaterere ivyiyumviro ...n,ibindi.

  • Ndabaramukije mwese mumaze kwandika kwiki kinyamakuru cacu,ico ndababonyemwo mwese nuko mukiri inyuma caaane muvyifuzo vyanyu,ico mwomenya conyene nugukurikiza amategeko conyene,ataruko muzokwamana imyikomo namaganya mumitima yanyu,ba porona mwese twisunze amategeko umufasoni concilia niwe afise uburenganzi wenyene bwokugirisha inama,gutumako amakoraniro atandukanye,mbere nikoraniro kaminuza ntawundi munyamugambwe numwe azoyitumako atariwe!!,muvyera cank muvyanka.reka nshimikire kuruyuyiyita ALINE, mwana wimana aline ndavye ivyowanditse ,biboneka ko ukiri muto mumyaka nomuvyiyunviro,ico womenya nabandi mwiyunvira kumwe ,nuko hamwe hokwaduka iyindi nntambara itewe nabatutsi,bose murirusangi,canke nabahutu bose muri rusangi,ubwoko bumwe murubwo nvuze bwokwomaka,nkakurya mugwanda vyabaye,rero ncuti yanjentibikabe nkabiriya twunvise,ikindi abarundi mwomenya ntahandi hari Democlatie nkaha muburundi kwisi nzima,ahantu gashahu umunyagihugu yiyadukiza ngo nditwariye umukuru w,IGIHUGU,aho woba umaze kuvyunva nihe ga ALINE,kuretse ngaha iburundi,none nkaho mugwanda hari umunyagihugu nkarufyiri yokwitwarira KAGAME,ndabasabe barundi benewacu muhindure ingendo,ndibaza ko uburundi budatwawe nabi kuruta ugwanda,cank,ibindi bihugu bitwegereye ngaha hafi,za muratembera hanze gato muraba,agasumba akandi,ndangije ndabifuriza guhinduka muvyiyunviro.mujane nibihe.

  • wewe wiyita Giramahoro ivyo uvuga irabizi wewe? Murwanda bakubariye ko yiba kuwo w Iburundi reka kuturuhisha nuko mubisangira ivyo bisuma suma muzobiruka rindira gato !!

  • Jewe mbona ko aba dd basa nabariko bararaga kubera imisi nimike ngo bahave!rero nibareke kugenda bahitanye iyindi migabwe kubra ivyo bariko barakora nabo nivyo bazishurwa!

  • Ubu murageze kuvuga kandi mushavuye?amabombe n’amasasu mwabarashe mwibaza ko bayibagiye?muca mubaherekeza muri leta mubigirako abagenzi,abana b’igihugu bapfuye,bangaye ...muri muri leta mwavuze iki?mwari muzi ko umucanwa utaka uja iy’ivyatsi bisigaye.nimuwote namwe mwunve ayo ADC yabonye mufise icegera ca mbere categerezwa gukemura ibibazo ariko caguma cirorerera ingene batotezwa.Inkoni ikubise umukeba woyirenza urugo.

  • Muri’mbwa ivyo mwigira mumenye ko IMANA ibabona! Urugererta muka so rugahitana nyoko peter umenye yuko ko aritwebwe twagutoye tuzonagukura!

  • Giramahoro je nkwise Giramarushwa!!ndagusabe ikintu kimwe nimba uri Nzobonariba cnke Nyamitwe cnke uri umwana wa NZobonariba uwariwese ndabona kubizi kuvugira aba DD!!nogusaba ko wogezaho twarakubonye twarakumenye uzoshireko ifoto yawe gusa!!hama usabe aba DD mbona baguha ivyo wuzuza inda bakurihire nishule ubanze uje kwiga kuko ntuzosubire kwiyandikisha ibifaransa ntavyuzi!!siko??Urwanda narwo ntusubire kurugereranya Nuburundi iyaba mwebwe aba DD mutatwicishije inzara mukazana iterambere muakreka kwiba gusa twobaretse mugabo trop c’est trop!!

  • Wewe wiyita Nene,nuyo yiyita Aline.murantangaje cane goose,mwebwe biboneka komwanyuzwe namacakubiri goose muga murahumba tuzobana tu!,muvyanka cank muvyemera,gusa ndabonye ko mwanyuzwe nivyiyunviro vyanje,vyarabakozeho cane,nsa nuwabatonetse aho mugwaye,kuki mwigira incambwenge zirengeje,mukibaza kwabandi ataco bobavugana,mushaka kuguma mwandika ayo manyembwa yanyu mwenyene,atawubahinyuza?.rekareka reka tubane kuru rubuga IGIHE,tuze turakeburana,Wewe Nene ngo ntuzi ifoto yanj?,ko jewe ndakuzi neza.ushaka kumenya uwondiwe,tora ICIRORE urabemwe ucumbonamwo uko nsa,nuko nitwa!.kugira ntuzosubire kunyitiranya nabandi.ikindi nobahanura ww na Aline,mbega uyumusi ntimuzi ko n,IMANA yaruhutse kurema,numusi wimana bayou,kirazira gutukana kumusi7.jewe mwantutse ariko ndabishuye nti Amen-Amen -Amen---.mukora ivyo mutazi.NENE kwiga navyo narize,nguma niga nubu,kandi nzokwama niga,Erega muyo kwiga ntibihera twamizako.kura ugwo gwiri gwamacakubiri mufise mumitima yanyu,tubandanye twiga,twongera twigishanya!,kandi ivyo mwifuriza Aba CNDD-FDD sivyiza kumana,imana niyo itanga ubutegetsi,nibitagenda uko muvyiyunvira ntimuzoce mumara Abantu canke ngo mwiyahure,kuzoba arugushaka kw,IMANA.umusi w,Imana mwiza bagenzi banje,canecane Aline,Nene.naho mutanyiyunvamwo ariko jewe ndabakunda caaaane.

  • hahhahahh!!ubujuju burarwira muba DD!!ariko ga Giramarushwa ntanisoni kurivyobijambo vyoose uvugiye ubusa!!ngo Imana???!!!mbega aho mwitwarije Imana aba DD niyo ibatuma kwica,kwiba,...????non tell me??hahah sha niko mumeze sintangaye!!twebwe twashaka ko wosubiza ubwenge mumutwe ntitwagutegeka ubujuju bwo nibwo mwuzuye aba DD!! nayo amacakubiri yo uvuga ntamuntu numwe ayagusuvya kubintu nama mbona wandika ahubwo niyo Mana uvuga nuko isigaye yihangana iyoba hari nka kera yobamaze mwebwe aba DD ntamana muzi!!wapi wapi!!!nokuriwamusi wimperuka muzomaramara muzosha muzobazwa vyinshi nokwiyorobeka ngo muzi Imana birimwo!!Hahahah akabi gatwerwa nkakeza basha sinarinzi kwibijuju muburundi nkibi bihari bizi nokwandika au moins nakamaramaza!!!

  • Burundi bado mnamatatizo sana 1.ukabira kati yenu wahutu na watusi bado nitatizo
    2.inaonekana president nkurunziza ameshindwa kutumia uwezo alionao kishilia kuleta maendeleo ndani inchi
    3.inaonekana pia ndani ya washauli wake wapo wanaomdanganya kuhusu hali harisi ilivyo inchi
    4. Anatakiwa kama president adhibiti makundi yote bila kujali wapi yanatoka hasa hao imbonerakure

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.