IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubumwe bwa buraya na Reta y’Uburundi bahuriye mu kiganiro gitegura (...)

Ubumwe bwa buraya na Reta y’Uburundi bahuriye mu kiganiro gitegura amatora

vendredi 17 Gitugutu 2014

Abaserukira ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya, hamwe n’abaserukiye Reta y’Uburundi bahuriye kuri uwu wa gatanu mu nama y’ukurabira hamwe ivyasabwe n’abashingamateka b’ibihugu vya buraya ku genekerezo rya 18 Nyakanga, bongera baganira ibijanye n’itegurwa ry’amatora yo mu mwaka w’2015.

Bisunze ingingo y’umunani y’amasezerano y’i Cotonou, abaserukira Reta y’Uburundi n’abaserukira ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya bakorera mu Burundi, bagiranye ikiyago ca poritike, cagarutse ku biheruka gusabwa n’inama nshingamateka y’ibihugu vya buraya. Abo baserukira ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya mu Burundi, muri ico kiganiro cabaye kuri uwu wa gatanu, bagarutse ku gusaba ko amatora Uburundi bwimirije yokwitabwa n’imigambwe yose, hamwe n’abanyeporitike, nk’uko Reta y’Uburundi n’abakuru b’imigambwe bari bavyemeranije mu rupapuro rw’inzira impande zompi zemeje. Kugira amatora azogende neza, abo baserukira ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya mu Burundi basavye ko icuka coba ciza, n’ukwizerana kukagaruka hagati y’abanyeporitike.

Reta y’Uburundi yiyemeje ko izokora ibishoboka vyose, kugira ibiganiro hagati y’abanyeporitike vyameho, nk’uko biri mu rupapuro rw’inzira abanyeporitike bateyeko umukono mu nama yabahuje mu Kayanza. Reta y’Uburundi yasavye ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya kuzorungika abarorerezi mpuzamakungu bazokurikirana amatora imbere y’uko atangura, mu matora nyezina, hamwe n’inyuma yayo. Inyuma y’iyo nama, abaserukira ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya mu Burundi, hamwe n’abari baserukiye Reta y’Uburundi, bemeranije gukomeza ibiganiro mu ntumbero yo gutegura amatora yizewe, ahuza bose, kandi yo ku mugaragaro.

Muri iyo nama, Reta y’Uburundi yari yaserukiwe n’umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu Laurent Kavakure, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana, hamwe n’umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora, Petero Karaveri Ndayicariye. Ku rundi ruhande, ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya ryari ryaserukiwe n’abaserukira mu Burundi ibihugu vy’Ubudagi, Ububirigi, Pays Bas, Ubufaransa, hamwe n’uwuserukira ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya mu Burundi.


Egide Nduwimana

Messages

  • murahumba ngo mutama rwasa ntazoja mumatora?mugira mutangare mwebwe kubwoba bwanyu nimwe muziyomora nayo abakurikira igikona sindabumva nicokumara inkoko:kubumva,ntimubona kwibigega vyareta vyaheze..kuberiki...?inkona

  • Biratangaje kubona a midi ata radio nimwe muri zimwe zimenyereye kuvugira hejuru yavuze kuri uwo mubonano. ngira ntiwabanezereje.

  • Peter numugezi wanje ariko arya wenyene

  • Ubwambere babategetse murekure mutama Mbonimpa ubunaho bababwiye ngo amatora arimwo bose mwihende hagire abomukumira nkuko mwari mwabitangiye muzokwibonerako Mutama Rwasa ndazi kwabariye mumitima cane muga nimwihangane arabatwara 2015 nirwiwe

  • Dd weeeeee!!!!niwumve yuko udakwiye gutamba wenyene ,biratangaje kubona igihugu c’Uburundi kirimwo abashingantahe babanza gutegekwa nkabatazi icobakora aho ntitwova ibuzimu yukaja ibuntu,tuzokwama tubanza guhakurukigwa namakungu kugira ngo twubake igihugu emwe mwikubite urushi dd amakungu yoye kuguma aducishamwo ijsho.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.